Uko wahagera

CNDD-FDD Wemeje Perezida Nkurunziza nk'Imboneza Yamaho


Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza

Urwego nyobozi rw’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, rwemeje Perezida Pierre Nkurunziza nk’ “imboneza ntayegageyezwa” mu mugambwe.

Iyo ngingo yafatiwe mu nama y’imisi ibiri yabereye muri komine Buye y’intara ya Ngonzi kuri uno wa gatanu n’uwa gatandatu.

Amasanamu yaciye ku mbuga ngurukana bumenyi, yerekana umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye agira ati: "Nyenicubahiro Perezida Pierre Nkurunziza ni imboneza y’umugambwe wacu. Ni imfura yacu, ni umuvyeyi wacu, ni umuhanuzi wacu, nta n'umwe yokwubahuka kwigereranya nawe."

Abagumyabanga bari muri iyo nama basigura ko bahisemwo Perezida Nkurunziza nk’imboneza yamaho kubera intambwe ishimishije yashikanye ku Burundi.

Umushingantahe Jeremie Minani ari mu bagize urwego nyobozi rw’urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yavuze ko iyo ngingo itaboneye intwaro rusange. Mu butumwa bugufi yarungikiye Ijwi ry’Amerika yanditse ati:"Nta kindi cinyegeje inyuma y’iyo ngingo atari umugambi wa Perezida Nkurunziza wo gushaka kuguma ku butegetsi ubuzima bwiwe bwose, abicishije mu kubanza kugira CNDD-FDD icibare ciwe no gukumira uwo wese yokwipfuza kwitoza mu 2020 aturutse muri uyo mugambwe."

Bitegekanijwe ko mu kwezi kwa gatanu uno mwaka, Uburundi butunganya amatora yo guhindura ibwirizwa nshingiro. Zimwe mu ngingo zizohinyanyurwa zirarekurira Perezida Nkurunziza gusubira kwitoreza ibiringo bibiri vy’imyaka indwi indwi mu mwaka 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG