Uko wahagera

Ubulayi Bwafashe Ingingo k'U Burundi


Inama nshingamateka y’i Bulaya yafashe ingingo ku kugene ibintu vyifashe mu Burundi.

Iyo ngingo yibutsa abategetsi b’Uburundi ko bategerezwa kwubahiriza, gukingira n’uguharanira uburenganzira ngenderwako bw’ikiremwa muntu.

Isaba irekurwa bidatevye kandi atabibanje gusabwa ry’abantu bose bapfunzwe kubera ivyiyumviro vyabo.

Iyo ngingo isaba umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi n’ibihugu bigize uwo muryango kwongereza utwigoro twavyo mu gushigikira n’ugukingira abaharanira agateka ka muntu n’amashirahamwe ageramiwe mu gihugu.

Iyo ngingo isaba abategetsi b’Uburundi kurekurira itangazamakuru gukora bidatevye, n’ukurekurira abanyepolitike batavuga rumwe na Reta bari mu buhungiro gutahuka mu gihugu.

Isaba Reta y’Uburundi gusubira gukorana n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U bijejwe agateka ka muntu n’ukurekurira abategetsi b’ivyo biro kuja mu bibanza abantu bapfungiwemwo.

Iyo ngingo isaba urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi na sentare mpuzamakungu mpanavyaha gutanguza vyihuta itohoza kw’ityozwa ry’agateka ka muntu mu Burundi, harimwo n’impungenge kw’ihonyabwoko rishobora kuba.

Iyo ngingo irerekana impungenge zikomeye ku vyatangajwe na prerezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2016 ko ashobora kuzosusbira kwitoza mu kiringo kigira kane mu mwaka w’i 2020.

XS
SM
MD
LG