Uko wahagera

CPI Igiye Gutanguza Amatohoza ku Vyaha Vyakozwe mu Burundi


Itangazo RYA CPI rivuga ko abagirizwa ibi vyaha harimwo abakozi ba Leta canke imigwi ishira mu ngiro politike ya Leta.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, uyu musi ku wa kane, yahaye uburenganzira abashikirizamanza bayo, bwo gutohoza ivyaha vyakozwe mu Burundi kuva kwezi kwa kane kw’umwaka w’2015 gushika mu kwezi kw’icumi, mu mwaka w’2017.

Abo bacamanza bavuga kw’abo bashiririzamanza, bazotohoza ivyaha vyakorewe mu Burundi canke ivyaha vyakozwe n’abarundi bari hanze y’igihugu cabo mur’ico kiringo nyene.

Itangazo ryashikirijwe n’abacamanza rivuga ko har’ ibintu biboneka vyatumye ingingo yo gutohoza ivyo vyaha, ifatwa.

Abo bacamanza bavuze kw’ivyaha vyo mu ngwano, birimwo ubwicanyi, gufata abakenyezi ku nguvu hamwe no kuboreza igifa abantu, vyatumye abantu barenga 1000 bicwa, mu gihe abandi bashika ibihumbi 400, bataye ingo zabo.

Iyo ngingo yo gutangura iryo tohozwa, yashikirijwe kw’igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kw’icumi; imisi ibiri imbere y’uko Uburundi bufata ingingo yo kuva mur’iyo sentare.

Iyo ngingo yagumijwe mw’ibanga gushika ku wa kane itariki 9 y’ukwezi kw’icumi na rimwe, yamara iyo sentare izoba ifise uburenganzira bwo gutohoza ivyaha vyakozwe igihe Uburundi bwari bukiri mu muryango w’ibihugu vyateye igikumu co gushinga iyo sentare.

Uburundi bwagiye mu ntureka ya politike hamwe n’imyiyerekano yabayemwo ubugizi bwa nabi mu mwaka w’2015, inyuma y’aho Prezida Pierre Nkurunziza atangarije kw’agiye kwitoza mu kindi kiringo.

Abaneguye iyo ngingo, bavuze ko yarenze kw’ibwirizwa shingiro hamwe no ku masezerano y’I Arusha, yahagaritse ingwano.

Mu mwaka w’2015, akagwi k’abasirikare karagerageje gutumbagaza ubutegetsi, igihe Prezida Nkurunziza yari hanze y’igihugu.

Abasirikare ba reta y’Uburundi bahavuye batesha umugambi w'ako kagwi wo gufata ubutegetsi ku nguvu.

Mur’iyi ndwi kandi, Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yarateye igikumu ku ngingo yo kubandanya itegeko rya Prezida, rifata ingingo zihutirwa ku vyerekeye umutekano wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika na politike ya Amerika mu makungu, bishobora kugeramirwa kubera umutekano muke urangwa mu Burundi.

Yamara mu kiganiro umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire, Alain Aime Nyamitwe yahaye Iradiyo Ijwi rya Amerika, yaratangaje ko reta y’Uburundi yaguye mu gahundwe kwumva kw’iryo tegeko ryongewe ikiringo, akaba yavuze kw’abantu bose, harimwo Abanyamerika, batekaniwe mu Burundi.

Nyamitwe yavuze kw’Uburundi bwakoze intambwe ikomeye mu gutsimbataza amahoro mu Burundi kuva aho hatanguriye ibibazo vya politike mu mwaka 2015.

Nyamitwe yavuze kandi kw’iryo tegeko ryo mu mwaka w’2005, Reta y’Uburundi yari yahakanye kuva mu ntango, ryongewe ikiringo, riva ku makuru y’ibinyoma ngo yama aririko arakwiragizwa n’abandi bafise iyindi migambi bisangije ku Burundi.

Reta y’Uburundi yarateye akamo impunzi zahunze mu mwaka w’2015, kazisaba guhunguka. Yamara mu misi iheze, impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu c’u Rwanda no mu gihugu ca Uganda, zabwiye Iradiyo Ijwi rya Amerika, kw’ubwicanyi bw’abatavuga rumwe na reta y’Uburundi, bubandanya.

Inyuma y’aho sentare mpuzamakungu ifatiye ingingo yo gutuhoza ivyaha vyakozwe mu Burundi, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubutungane Aimee Laurentine Kanyana, yahaye ikiganiro Iradiyo Ijwi rya Amerika.

Tangura avuga ukuntu Reta y’Uburundi, yakiye iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG