Uko wahagera

Abahinga ba ONU Basavye CPI Gukurikirana Abagirizwa Ivyaha mu Burundi


Zeid Ra'ad Al Hussein, komiseri mukuru ajejwe agateka ka zina muntu yashyikirijwe amazina y’abategetsi bagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa
Zeid Ra'ad Al Hussein, komiseri mukuru ajejwe agateka ka zina muntu yashyikirijwe amazina y’abategetsi bagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa

Umugwi w’abahinga bigenga ba ONU ukora amatohoza ku Burundi wasavye kuri uyu wa mbere I Geneve mu Busuwisi ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yokurikirana abantu bagirizwa ivyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’I 2015.

Mu cegeranyo uwo mugwi wahaye Zeid Raad Al Hussein, komiseri mukuru ajejwe agateka ka zina muntu wamushikirije amazina y’abategetsi bagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa.

Abahinga batatu bagize uwo mugwi bavuze ko ivyaha bikorwa bidafise intera y’ihonyabwoko ariko bemeza ko hari ubwicanyi burobanura” Executions extrajudicaires ”

Ico cegeranyo cashizwe ahabona I Geneve mu Buswise kuru uyu wa mbere kirimwo urutonde rw’abantu bagirizwa amabi n’ivyaha bifatwa nk’ivyaha vy’agahomerabunwa vyakozwe inyuma y’indyane n’impari za politike vyadutse mu Burundi kuva mu mwaka w’I 2015 zitewe n’ingingo y’umugambwe CNDD FDD yo gusubira gutora Perezida Pierre Nkurunziza nk’umu kandida wawo mu guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Umugwi w’abahinga batatu bigenga batohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi guhera ico gihe wahaye ayo mazina Zeid Raad Al Hussein.

Uwo afise uburenganzira bwo kwereka ayo mazina inzego zemejwe na ONU.

Igishasha muri iki cegeranyo n’uko ijambo “ihonyabwoko” ryakuwemwo mugabo abawugize bemeza ko “ amajambo aremereye harimwo n’ibitutsi bityoza ubwoko bw’abatusti vyakoreshejwe”

Ariko uwo mugwi uvuga ko udashobara kwemeza ko hari politike yo guhonya uwo muce w’abanyagihugu ihari.

Uwo mugwi wemanga ko hari ibintu ufitiye ivyemezo. Navyo n’ibi: ubwicanyi burobanura bubandanya gukorwa, kuboreza abantu igufa, ukubahohotera, guhagarika no gufunga abantu ata mategeko akurikijwe hamwe n’ayandi mabi harimwo gufata bakenyezi ku nguvu.

Imigwi yagirizwa ibi vyaha ahanini n’inzego z’umutekano hamwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi imbonerakure n’iyindi migwi itavugwa amazina iyoboka Leta.

Abagize umugwi utohoza ku vyaka vyakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’I 2015 baremeza kandi ko imigwi itavuga rumwe n’ubutegetsi nayo yakoze ivyaha bihonyanga agateka ka zina muntu mugabo bagasigura ko “ vyabagoye kubitohozako neza ngo bamenye ukuri”

Muvyo uwo mugwi usaba abategetsi b’Uburundi n’ugufuta imitahe mpuzamakungu basohoreye bamwe mu banyepolitike batavuga rumwe n’ubutegtsi n’abo mu mashirahamwe yigenga batagirizwa ivyaha bikomeye no gusubira kureka igisata c’agateka ka zina muntu ca ONU cahagaritswe gukora mu kw’icenda 2016 kigasubira ku mirimo.

Ku rubuga rwe rwa Twitter, Willy Nyamitwe umuhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu ajejwe kumenyesha amakuru yanditse ko " Abo bantu bakora nk'abacengero, barihwa amafranga kugira bashike ku ngingo zishingiye ku mpamvu za politike ku bw'inyungu z'umuryango w'ibihugu vy'ubulaya."

Uwo mugwi wa ONU muri raporo yawo usaba ko abantu bose bafungiwe imvo za politike borekurwa.

Abahinga batatu bagize uwo mugwi urongowe n’umunya Aljeriya Fatsah Ouguergouz basaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI y’I Lahaye gutanguza icese amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi no gukurikirana abavyagirizwa.

Hari haheze igihe iyo sentare yuguruye amatohoza y’ibanze.

Leta y’Uburundi yihaye ikiringo co kuva burundu muri CPI mu kwezi kw’icumi kuza. Abahinga ba ONU bigenga bahamagarira abategetsi b’Uburundi gusubira kuri iki cemezo.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano gasabwa kwitura CPI ku vyaha vyose iyo sentare yemerewe gutohozako bzikokorwa inyuma yaho Uburundi butazoba bukigengwa n’amasezerano yayo kugira abavyikekwako bakurikiranwe.

Umugwi w’abahinga batohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu 2015 ugizwe na Fatsah Ouguergouz aturuka muri Aljeriya, Reine Alapini Gansou ava muri Benin n’umwongerezakazi Francoise Hampson.

Ku ma genekerezo ya 18 na 19 uku kwezi , icegeranyo c’uwu mugwi kizosubira kwerekwa abaserukira ibihugu 47 bigize inama y’agateka ka zina muntu ya ONU bazoba bari mu nama yabo igira 36 izobera I Geneve kuva kw’itariki ya 11 gushika kuya 29 uku kwezi.

Ku musi wa gatanu w;indwi iheze, inama nshingamateka y’Uburundi yagenye umugwi w’abashingamateka 12 biga ibiri muri iki cegeranyo.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin Nivyabandi yaramaze kuvuga ko ingingo zose zizofatirwa Uburundi zishingiye kuri iki cegeranyo Leta izoziyamiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG