Uko wahagera

Ishirahamwe FIDH Rivuga Ko Abantu 1200 Bishwe mu Burundi


FIDH yagiriza Leta ubwicanyi, ukunyuruza abantu, ukuhohotera, guhiga buhongo abatavuga rumwe nayo no gushiraho amategeko agabanura ubwigenge bwo kumenyesha amakuru
FIDH yagiriza Leta ubwicanyi, ukunyuruza abantu, ukuhohotera, guhiga buhongo abatavuga rumwe nayo no gushiraho amategeko agabanura ubwigenge bwo kumenyesha amakuru

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu FIDH ryasohoye raporo rivuga ko mu myaka ibiri ibintu vyayangaye mu Burundi.

Icegeranyo ca FIDH cerekana ko abantu batari musi ya 1200 bishwe kuva mu mwaka w'i 2015, abari hagati ya 400 na 900 baranyuruzwa nayo abagera ku 10,000 barafungwa.

Muri ico cegeranyo c’impapuro 44 casohokeye i Paris mu Bufaransa kuri uyu wa kabiri, ishirahamwe FIDH rivuga ko ibintu bigenda vyunyuka mu Burundi kuva mu mwaka w’i 2015 Perezida Pierre Nkurunziza yitoje ku ncuro ya gatatu agatsinda amatora abatavuga rumwe nayo bamwagiriza ko yahonyanze amasezerano ya Arusha.

Ico cegeranyo kidondagura amabi menshi cagiriza Leta harimwo, ubwicanyi, ukunyuruza abantu, ukuhohotera, guhiga buhongo abatavuga rumwe nayo no gushiraho amategeko agabanura ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, bw’amashirahamwe yigenga n’ibindi.

Ico cegeranyo gisigura ko abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bahagarikwa ata mvo ziboneka.

Aha FIDH ritanga uturorero tw’abanywanyi b’umugambwe FNL utemewe n’amategeko, abayoboka Charles Nditije umukuru w’urunani CNARED hamwe n’abanywanyi ba MSD wahagaritswe mu kiringo c’amezi atandatu kuva mu kwezi kwa kane uyu mwaka.

FIDH n’amashirahamwe y’abarundi bakorana bagiriza ubutegetsi bwa Bujumbura gukoresha inzego z’umutekano n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD imbonerakure mu gutoteza abatavuga rumwe nabwo.

Ariko kandi ico cegeranyo cemeza ko hari imigwi y’abagwanya Leta igira ibitero ikica abashigikiye ubutegetsi canke abari mu mugambwe uri ku butegetsi.

Iyi raporo Fidh ryayikoranye n’amashirahamwe atandatu y’Abarundi.

Leta y’u Burundi ibona ko aya mashirahamwe ahuguza. Therence Ntahiraja, umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati asigura ko iyi raporo iri mu rukurikirane rw’ibindi vyegeranyo bikorwa n’amashirahamwe yihaye ingendo yo gukina politike.

Muvyo iki cegeranyo gisaba n’uko sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yokora amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva 2015.

Murico cegeranyo ishirahamwe FIDH rivuga ko ribabazwa no kubona ingingo za ONU n’ubumwe bwa Afrika zo kurungika inteko zo gucungera amahoro n’umutekano zitigeze zija mu ngiro.

FIDH n’amashirahamwe bakorana bavuga ko barajwe ishinga no kubona ubumwe bwa Bulaya bwarasubiye kwemera guha imishahara abasirikare b’ababrundii bari muri Amisom.

Ayo mashirahamwe asaba ubumwe bwa Afrika n’abanyabulaya gutora iyindi nzira yo guhemba abasirikare b’Abarundi kugira Leta ntigire ububasha bwo gushikira imishahara y’abasirikare bayo.

Mukurangiza ico cegeranyo gisaba ONU n’ubumwe bwa Afrika gufata ingingo zotuma ubutegetsi bwemera kuganira n’abatavuga runwe nabwo hamwe n’amashirahamwe yigenga.

Murizo harimwo gufatira ibihano abategetsi bamwe bamwe, nokwankira Uburundi gusubira kugura ibigwanisho hamwe no gusubira kugerageza kurungika inteko mvamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG