Uko wahagera

Bombe y'Abiyahuzi Yahitanye 13 Ikomeretsa 100 muri Afuganistani


Ahabereye igitero co kuri uno wa Mungu
Ahabereye igitero co kuri uno wa Mungu

Bombe y’abiyahuzi yatezwe mu muduga muri Afuganistani yahitanye abantu cumi na batatuikomeretsa abarenga ijana. Ico gisasu catezwe mu micungararo y’ahari icicaro gikuru ca polisi mu ntara ya Firozkhoh, iherereye hagati na hagati muri ico gihugu.

Abategetsi muri Afuganistani bateye ivyatsi ico gitero bise ic’iterabwoba, bavuga ko abenshi mu bakiguyemwo ari abasivile. Mu vyo cononye, harimwo inyubakwa za Reta zegereye aho cabereye zasenyutse.

Nta murwi n’umwe uraciyitiriranaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yacegetse ku batalibani. Ambasaderi Ross Wilson aserukira Amerika vy’imfatakibanza muri Afuganistani, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yiyamirije abakigavye, avuga ko ububisha nk’ubwo butwara ubuzima bw’inzirakarengane bubwirizwa guhagarara.

Umukuru w’ibitaro abakomeretse bariko bavurirwamwo, Mohammad Omer Lalzad, mu kiganiro n’Ijwi ry’Amerika yasiguye ko abenshi mu bakomeretse ari indembe, ibitigiri vy’abaguye muri ico gitero bigashobora guhava vyiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG