Uko wahagera

Abanyepolitike Baranegura Uburundi Butaravuga ku Rupfu rwa Buyoya


Abahisi Pierre Buyoya na Pierre Nkurunziza Bose bahoze Barongoye Uburundi
Abahisi Pierre Buyoya na Pierre Nkurunziza Bose bahoze Barongoye Uburundi

Impande zitandukanye zibandanya kugira ico zivuze ku rupfu rwa Perezida Pierre Buyoya yaramukijwe Uburundi incuro zibiri kuva mu 1987 gushika mu mwaka w’1993, no kuva mu 1996 gushika mu mwaka wa 2003.

Mu bagize ico batangariza Ijwi ry’Amerika harimwo impunzi z’Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Lusenda iri mu Burasirazuba bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo. Abo barundi babwiye Ijwi ry’Amerika ko mu vyo bazomwibukirako harimwo ko yemeye kuganira n’abatavuga rumwe na we bikabaha agahengwe. Hari ariko n’abandi bavuze ko nko mu 1993 yari yarabemereye igihugu kizira impfu zifatiye ku vya politike ariko ntabishitse. Uko biri kose ku bw’izo mpunzi, Buyoya yari akwiye kujanwa gushingurwa mu Burundi yayoboye.

Abarundi Bahungiye mw'Ikambi ya Lusenda Bazokwibukira iki kuri Perezida Buyoya?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:49 0:00


Urundi ruhande rw’abanyepolitike barimwo abakoranye na Petero Buyoya nka Frédéric Bamvuginyumvira yabaye icegera ciwe kuva mu 1998 gushika mu 2001, baneguye ico bise inyifato ya Reta y’Uburundi itarahoza umuryango n’abarundi babuze umukuru w’igihugu. Bamvuginyumvira yavuze ko iyo nyifato itabereye "uruhande rwashikanywe ku butegetsi na Perezida Buyoya kuko ari we yemeye ibiganiro biruhuza na reta yiwe."

Bamvuginyumvira: Kubona Uburundi Ataco Buravuga ku Rupfu rwa Buyoya ni Akambaro k'Ibara
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:55 0:00


Iradiyo Ijwi ry’Amerika ni yo ya mbere yatangaje urupfu rwa Majoro Buyoya ku wa kane amaze amasaha make ashengeye. Ico gihe, Willy Nyamitwe, umuhanuzi mu vyo kumenyesha amakuru kwa Perezida Evariste Ndayishimiye, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ko atawokwemera neza ko Perezida Buyoya yitavye Imana. Inyuma y’amasaha make, Nyamitwe yahavuye yandika ati : “Ni vyo”.

Inyuma y’ubwo butumwa bwa Willy Nyamitwe, nta mutegetsi n’umwe mu bakomeye mu gihugu c’Uburundi yagize ico avuga ku rupfu rwa Majoro Buyoya. Umubano hagati ya Nyakwigendera Buyoya na Reta y’Uburundi watanguye gutosekara mu 2015 Reta yafashije gushika ku butetegetsi biciye mu biganiro itanguye kumwagiriza ko ari mu bashatse gutembagaza intwaro ya Petero Nkurunziza.

Imbere yaho, Buyoya yari yarigeze ariko kurabwa ryiza n’abategetsi b’Uburundi: Mu 2014, Umuhisi Nkurunziza yaranditse ikete asaba bagenzi biwe kw’isi kumufasha gushigikira Umuhisi Buyoya mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, “La Francophonie”. Ikete rya Nkurunziza ryagira riti : “Perezida Buyoya yarerekanye ubutwari akatari gake, arakunda igihugu n’abanyagihugu ndetse na Afrika yose. Ni we yatanguje Ubumwe bw’Abarundi, imigambwe myinshi n’ibiganiro vya Arusha”.

Ayo ni yo majambo ya nyuma ubutegetsi bw’Uburundi bwumvikanye ku mugaragaro bushimagiza Buyoya kuko budaciye na Kabiri, iyo reta nyene yamushimagiza yahavuye imwagiriza ko ari mu bahatswe gutembagaza ubutegetsi mu 2015 no "kuba yaragize uruhara mw’iyicwa ry’uwahoze atwara Uburundi, Melchior Ndadaye."

Ino dosiye ya Ndadaye ni nayo yatumye Buyoya atanga imihoho mu kibanza c’intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika muri Mali n'akarere ka Sahel. Iyo mihoho yayitanze amaze gucirwa urubanza rwo guherayo n’ubutungane bw’Uburundi. Ni imihoho yatanze indwi zitatu imbere y’uko ashengera. Ico gihe, yasiguye ko akinjuye muri ayo mabanga kugira aronke umwanya wo kwitaho ivy’urubanza rwiwe.

Pierre Buyoya yashengeye ku munsi wa kane afise imyaka 71. Yazize Virusi ya Corona yamuhitanye atarashika mu bitaro vyo mu Bufaransa yariko ajanwako kwivuza avanywe muri Mali, igihugu yari asigaye abamwo. Ico gihugu cemeye ko ari co kizomuvana mu Bufaransa kikaja kumushingurana iteka muri Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG