Uko wahagera

Abakoranye na Buyoya Basanga Yari Akwiye Gushingurwa mu Burundi


Perezida Pierre Buyoya mu nama ku vy'amahoro mu Burundi mu mwaka wa 2001 5
Perezida Pierre Buyoya mu nama ku vy'amahoro mu Burundi mu mwaka wa 2001 5

Uwahoze atwara Uburundi Pierre Buyoya aherutse kwitaba Imana azoshingurwa mu gihugu ca Mali aho yari amaze imyaka 8 akorera. Itangazo ryo kubika ry’umuryango wa Nyakwigendera rigira riti : “Umutambukanyi, abana n’abuzukuru ba Perezida Buyoya baramenyeshe incuti n’abagenzi ko nyakwigendera azoshingurwanwa iteka mu gihugu ca Mali, aho yari amaze imyaka itari mike aba. Amataliki azomenyeshwa hanyuma. Umuryango wa Buyoya usubiye gushimira ababandanya kuwihanganisha”.

Ico gihugu agiye gushingurwamwo, yagiye kugikoreramwo mu mwaka w’2012 agiye kuba intumwa idasanzwe y’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika muri Mali n’akarere ka Sahel. Naho biri uko, bamwe mu bo vyakoranye ntibavyakiriye neza. Kuri bo, igihugu c’uburundi yakoreye imyaka irenga 10 ari umukuru w’igihugu ni co cari kuba uburuhukiro bwiwe bwa nyuma.

Iradiyo Ijwi ry’Amerika ni ryo rya mbere ryatangaje urupfu rwa Majoro Buyoya ku wa kane amaze amasaha make ashengeye. Ico gihe, Willy Nyamitwe, umuhanuzi mu vyo kumenyesha amakuru kwa Perezida Evariste Ndayishimiye, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twiiter avuga ko atawokwemera neza ko Perezida Buyoya yitavye Imana. Inyuma y’amasaha make, Nyamitwe yahavuye yandika ati : “Ni vyo”.

Ico bikoze, nta numwe arahoza umuryango n’igihugu vyabuze nyakwigendera Buyoya. Honorable Frederic Bamvuginyumvira yabaye icegera ciwe kuva mu mwaka w’1998 gushika mu mwaka w’2001 yavuze ko iyo nyifato itabereye umugambwe washikanywe ku butegetsi na Perezida Buyoya kuko ari we yemeye ibiganiro biwuhuza na reta yiwe. Bamvuginyumvira, mu kiganiro n’wiji ry’Amerika yagize ati: “Ni akambaro k’ibara.”

Gusa, reta y’Uburundi yari yashimagije Perezida Buyoya mu mwaka w’2014, aho Perezida Petero Nkurunziza yariko asaba bagenzi biwe kw’isi kumufasha gushigikira Buyoya mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, “La Francophonie”. Ikete rya Nkurunziza ryagira riti : “Perezida Buyoya yarerekanye ubutwari akatari gake, arakunda igihugu n’abanyagihugu ndetse na Afrika yose. Ni we yatanguje Ubumwe bw’Abarundi, imigambwe myinshi n’ibiganiro vya Arusha”.

Budakeye na Kabiri, reta yasubiriye Nkurunziza yagirije Buyoya gushaka gutembagaza Ubutegetsi mu mwaka w’2015 no kuba yaragize uruhara mw’iyicwa ry’uwahoze atwara Uburundi, Melchior Ndadaye. Gutyo atangura kurabwa nabi. Ubu igihugu ca Mali cemeye ko ari co kizomukura mu gihugu c’Ubufaransa congere kimuhambishe. Umukuru w’igihugu ca Mali yavuze mw’itangazo ryiwe ko ico gihugu kitazopfa kimwibagiye kuko yagifashije kurondera amahoro n’umutekano. Ico gihugu ni na co cari camuhaye Ubuhungiro mu kwezi guheze, kuva atanze imihoho mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG