Uko wahagera

Pierre Buyoya Yaciriwe Umunyororo w’Ubuzima Bwiwe Bwose


Pierre Buyoya yahoze ari Perezida w'Uburundi
Pierre Buyoya yahoze ari Perezida w'Uburundi

Sentare ntahinyuzwa mu Burundi yaciriye umunyororo wo guherayo abantu 19 barimwo bagirizwa ivyaha birimwo igandagurwa rya Melchior Ndadaye yahoze arongoye Uburundi akaba n'incungu ya Demokarasi. Pierre Buyoya yahoze arongoye Uburundi ubu akaba ari intumwa y’umuryango w’ubumwe bwa Afurika mu karere ka Sahel na Mali, ni we aza kw’isonga ry’abaciriwe umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo bwose.

I ruhande yiwe hari kandi na bamwe mu bahoze ari abategetsi bo mu nzego zo hejuru nka Libere Bararunyeretse yigeze kurongora inama nkenguzamateka, Alphonse Marie Kadege yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Alfred Nkurunziza yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi akaba muramu wa Kadege hamwe n’abandi basirikare n’abagendarme b’intwazangabo z’ibicocoro bahoze mu gisirikare ca kera kizwi nka EX FAB( Forcees Armess Burundaises) imbere y’uko kivangwa n’imigwi y'abitwaje ibirwanisho yari yiziziwe n’abahutu, mu gihe ico gisrikare co cari ciganjemwo abatutsi.

Sentare ntahinyuzwa y’Uburundi yabagirije ivyaha bitatu nyamukuru: Ukwica umukuru w’igihugu, uguhemukira ubutegetsi bw’igihugu hamwe n’ubwicanyi bwahitanye abantu n’ibintu. Umugwi wa kabiri ugizwe n’abantu batatu barimwo Bernard Busokoza yigeze na we nyene kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu wahanishijwe umunyororo w’imyaka 20. Wagirijwe ugufadikanya n’uwa mbere ivyaha wagirijwe.

Umuntu umwe gusa mu bakurikiranwa muri dosiye y’urupfu rwa Melchior Ndadaye ni we yejejwe. Ni Antoine Nduwayo yigeze kuba umushikiranganji wa mbere. Umugwi wa mbere kandi hejuru y’ugufungwa uwo guherayo sentare yawatse indishi y’akababaro n’inshumbusho igera ku miliyaridi 102, imiliyoni 931, ibihumbi 727 n’amajana atanu mu mafaranga y’amarundi.

Abakurikiranwa bose mu rubanza rwa Perezida Ndadaye basa n’uko baba hanze y’igihugu. Batanu bonyene kuri 21 ni bo bari bamaze imisi baburanishwa. Bagizwe n’intwazangabo gusa zo mu gisirikare zari zifise amabanga atandukanye mu 1993 Ndadaye yicwa. Umwe muri bo yaburana yidengemvya.

Bose barahakanye ivyo bagirizwa. Mbere ababunganira mu mategeko babwiye sentare ko bimwe mu vyaha bakurikiranwako vyashizwe mu vyo Abarundi bumvikanyeko guhanako ikigongwe c’ikivunga aho basinya amasezerano ya Arusha y’amahoro no guhagarika intambara mu mwaka wa 2000.

Mu Bandi Baciriwe uwo Guherayo nka Buyoya, Harimwo Kadege
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:35 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG