Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere Biro ya Sena y'Uburundi Igizwe na CNDD-FDD Gusa


Emmanuel Sinzohagera atwara inama nkenguzamateka nshasha
Emmanuel Sinzohagera atwara inama nkenguzamateka nshasha

Kuva kuri uyu wa kabiri inama nkenguzamateka y'Uburundi ifise ibiro bishasha. Ku ncuro ya mbere kuva mu mwaka w'i 2005, abagize ibiro vy'inama nshingamateka bose baturuka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Umukuru w'urwo rwego ni Emmanuel Sinzohagera, icegera ciwe ca mbere ni Spes Caritas Njebarikanuye nayo icegera ca kabiri ni Cyriaque Nshimirimana. Umukuru w’inama nshingamateka mushasha n’icegera ciwe ca mbere bava mu bwoko bw’Abahutu.

Emmanuel Sinzohagera aturuka mu ntara ya Bujumbura mu burengero bw’Uburundi mu gihe Spes Caritsa Njebarikanuye ari imvukira y’intara ya Gitega, hagati na hagati umukuru w’igihugu avukamwo. Uwu mukenyezi yigeze no kurongora ikigega kijejwe guteza imbere amakomine FONIC yagumanye ikibanza yari amazemwo imyaka itanu.

Icegera ca kabiri c’umukuru wa sena ni Umututsi: Cyriaque Nshimirimana aturuka mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw’igihugu. Iyi ntara iri muri zidaserukiwe cane mu butegetsi n’inzego zo hejuru muri iki kiringo.

Bwana Sinzohagera, asanzwe ari umupasitori akaba na komiseri ajejwe iterambere mu mugambwe FDD yemereye abakenguzamateka bagiye kumarana nawe imyaka itanu ko azokora yisunze ubutungane, ishaka n’umwumvikano.

Kuva mu mwaka w’i 2005 umugambwe CNDD FDD uroye ku butegetsi inyuma y’amasezerano ya Arusha, ibaye incuro ya mbere ibiro vy’inama nkenguzamateka vyizizirwa n’umugambwe umwe. Ibi ntivyatangaje Charles Nditije, umukuru w’umugambwe Uprona utavuga rumwe n’ubutegetsi asanga n’ubwo inzego zishinga zikanasuzuma amategeko zojamwo imigambwe myinshi ataco vyohindura kubera ububasha bw’ikirenga ibwirizwa nshingiro ryo muri 2018 riha prezida.

Inama nkenguzamateka y’Uburundi igizwe n’abakenguzamateka 39. 35 kuri bo baturuka mu mugambwe uri ku butegetsi. Ku ncuro ya mbere kandi, abahoze ari abakuru b’ibihugu ntibahawe amahirwe yo kuba abasenateri ubuziraherezo. Ubu burenganzira babwatswe n’ibwirizwa nshingiro rishasha. Ibi bivuze ko Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye bari mu gihugu ubu hamwe na Pierre Buyoya, amaze igihe aba mu mahanga, abagabo batatu bakiriho mu bigeze kurongora Uburundi batagisubira gusasa mu nama nkenguzamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG