Uko wahagera

Urubanza rw'Abagirizwa Kugandagura Perezida Melchior Ndadaye


Ahari icibutso ca Perezida Melchior Ndadaye
Ahari icibutso ca Perezida Melchior Ndadaye

Kuri uno wa gatatu, ni ho urubanza rw'abagirizwa kuba baragandaguye umukuru w’igihugu c'Uburundi Melchior Ndadaye rwasasa muri sentare ntahinyuzwa igiasta c’imanza z’ivyaha yasanze abafungwa aho bafungiwe i Gitega.

Batanu muri 20 bagirizwa urwo rupfu ni bo bitavye, 4 muri bo bakaba bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega. Humvirijwe Colonel Ndayisaba gusa. Yahakanye ivyaha vyose yagirizwa yerekana n’ivyemeza ko arenganywa. Abo bitavye uko ari batanu bakaba baje bitwaje abashingwamanza. Urwo rubanza rukazobandanya kuri uno wa kane no kuwa gatanu kuri abo bane basigaye.

Urwo rubanza kuri uno wa gatatu ni ho rwinjiye mw’ido n’ido ubwa mbere muri Sentare ntahinyuzwa mu gisata c’ivyaha aho yasanze ababurana aho bafungiwe.

Uwuburanira reta yagirije Colonel Célestin Ndayisaba ko ari mu bateguye kandi bagashira mu ngiro gutembagaza intwaro yatowe bakagirako bakica umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye n’abafasha biwe. Ababuranira reta berekanye impapuro ziriko urutonde rw’abantu bari muri ivyo bikorwa vyo gutembagaza ubutegetsi aho abo baburanira reta berekana ko Celestin Ndayisaba arimwo kandi ko yateyeko n’igikumu kuri urwo rutonde.

Ababuranira reta bamenyesheje ko mu matohoza bakoze vyagaragaye ko Celestin Ndayisaba yari no mubateguye gutembagaza ubutegetsi imbere y’itariki 21 ukwezi kwa 10, hanyuma ntivyakunda aca arahunga bamufatira muri Rumonge mu bumanuko bw’Uburundi. Abo baburanira reta banamenyesheje sentare ko bafise n’amasanamu agaragaza ko Celestin Ndayisaba yari mubasirikare b’intwazangabo bari bazi uwo mugambi mubi.

Ahawe akaryo ko kwiregura, Celestin Ndayisaba yafashe umwanya muremure kuko atigeze yemera icaha na kimwe agahinyuza ikirego ku kundi. Kuri urwo rutonde ruvugwa yerekana ko atari rwo namba kuko ingene rwanditse biboneka ko arivyo ababuranira reta bikoreye nkuko yabimenyesheje sentare. Yamenyesheje ko n’izina ryiwe ryanditse nabi , ipete naryo hari colonel kandi ico gihe yari akiri Major.

Ica kabiri yamenyesheje sentare ni uko ata na rimwe mu gisoda mu kwandika amazina bahera ku matazirano, batangurira kury’ikirundi. Yanamenyesheje kandi ko n’umukono uri kuri urwo rutonde atari rwiwe na gato kandi ko kubihinyuza vyoroshe. Ati nibashike aho yarangurira imirimo bahinyuze.

Ati nosinya ku kintu n’izina ryanditse nabi, ipete atari ryo? Ati mfashwe baca bansubiza ku kazi canke noja gufungwa? Ati kunyagiriza naho ko naja kugirisha inama mu makambi harimwo n'abandusha ipete, umusoda muto arategeka uwumurusha igarade? Uwo muntu yaguma ankurikirana iyo ngiye mwomuzana akanavuga uwo yari yamutumye? Ababuranira reta bakaba bishuye ko amasura yabo yasavye gukingirwa arico gituma batazoboneka mu ntahe y'icese.

Abagirizwa kugandagura perezida Melchior Ndadaye bitavye sentare ntahinyuzwa kuri uno wa gatatu ni uwo Celestin Ndayisaba, Anicet Nahigombeye, Laurent Niyonkuru, Gabriel Gunungu bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega na Ildephonse Mushwabure aburana yidegemvya.

Bashitse ahabera urubanza nk’igihe c’isaha zitatu n’igice zo mu gatondo baza kwinjira muri sentare isaha zitandantu. Urubanza rwatanguye kuburanishwa mw’ido n’ido isaha umunani kuko abo bagirizwa urupfu rwa Melchior Ndadaye basabwa kuzana ivyabona nabo bakamenyesha ko badashobora kuzana ivyabona kuko atavyo basabwe, impari ziba ndende. Sentare ikaba yahagaritse ibikorwa vy’uno musi isaha cumi n'imwe. Sentare ikaba yamenyesheje ko urwo rubanza ruzosubira kuburanishwa kuri uno wa kane no ku wa gatanu.

Abagirizwa kuba baragandaguye perezida Melchior Ndadaye baronderwa n’ubutungane si abo gusa. Bose hamwe bashika 20, ku mutwe w’urutonde hakaba hari uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya n’abandi basirikare bo kw’ipete ryo hejuru n’abasivile bari bajejwe amabanga akomeye mu gihugu nka Alphonse Marie Kadege na Antoine Nduwayo bose bakomoka mu mugambwe Uprona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG