Uko wahagera

Urubanza rw'Abagandaguye Ndadaye Rugeze He?


 Imyaka 23 Iheze Perezida Melchior Ndadaye agandaguwe.
Imyaka 23 Iheze Perezida Melchior Ndadaye agandaguwe.

Muri FRODEBU bashima ko ubutungane bwatanguye amatohoza ku igandagurwa rya Ndadaye bagasaba ko abagirwa bashengezwa.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU usaba ubutungane bw’Uburundi gushira ahabona urubanza rw’abagandaguye uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye.

Uwurongoye uwo mugambwe Pierre Claver Nahimana yabisavye kuri uno wa mbere aho Abarundi bahimbaje imyaka 26 irangiye Melchior Ndadaye agandaguwe.

Pierre Claver Nahimana yavuze ko mu mugamwe arongoye bashima ko ubutungane buza bwaratanguye amatohoza ariko bakabusaba gushira ahabona ivy'urwo rubanza, abagirwa n'ivyaha bakamenyekana.

Indongozi y’uwo mugambwe washinzwe na Melchior NDADAYE ibishikirije mu gihe hari abakukuruke b’intwazangabo bane bo mu gisirikare c’Uburundi bari mu bagirizwa urwo rupfu bahagaritswe na parake nkuru y’igihugu kuva mu mpera z’ukwezi kwa 11 mu mwaka uheze wa 2018.

Hambavu y'izo ntwazangabo, ubutungane bw'Uburundi bwarasohoye n'imitahe irondeza bamwe mu bari mu nzego z'Uburundi harimwo uwahoze arongoye igihugu Pierre Buyoya.

Ibirori nyamukuru vyo guhimbaza isabukuru ya 26 y'igandagurwa rya Perezida Ndadaye vyabereye ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Vyatanguriye ku nkuka y’imisa yabereye mw’ishengero katolika Regina Mundi, mu nyuma hakurikira ugushira amashurwe ku ntatemwa yiwe.

Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yari mu bavyitabiriye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG