Uko wahagera

Pierre Buyoya Avuga ko Amasezerano ya Arusha Abangamiwe


Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi yarandikiye Yoweri Kaguta Museveni arongoye igihugu ca Uganda akaba n’umuhuza mu matati y’Uburundi amusaba kuhagabira kubijanye n’ubutungane mu Burundi.

Muri iryo kete Petero Buyoya yibutsa Yoweri Kaguta Museveni ko itariki 3 z’ukwezi kwa gatatu 2019, yamwandikiye ka muhuza w’Abarundi, nk’uwahoze arongoye umugambi w’amahoro mu karere kubijanye n’Uburundi kandi nk’umwe mubahagarariye amasezerano ya Arusha y’amahoro no kunywanisha Abarundi. Yamumenyesheje ko ayo masezerano ya Arusha abangamiwe cane kugira akore ivyo ubushobozi bumurekurira Abarundi ntibasubire mu ndyane zifatiye kuri politike no kumoko.

Petero Buyoya amenyesha ko kuva ico gihe umugambi wo kurandurana n’imizi amasezerano ya Arusha wabandanije na cane cane mu manza z’ibinyoma zerekeye abahoze ari indongozi muri politike, nawe nyene adasigaye inyuma be n’abahoze ari intwazangabo nkuru mu gisirikare.

Petero Buyoya akamenyesha Yoweri Kaguta Museveni ko urubanza numero RPS 97 rwuguruwe muri sentare ntahinyuzwa y’Uburundi kugira abagirizwa urupfu rwa Melchior Ndadaye baburanishwe rwerekana neza ko ari urubanza rwa politike.

Muri iryo kete Petero Buyoya amenyesha Museveni ko urwo rubanza ruciye kubiri n’amasezerano ya Arusha y’amahoro no kunywanisha Abarundi, ruciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Abarundi kandi ko ruciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu.

Petero Buyoya abandanya amenyesha Museveni ko amanyanga abandanya kwibonekeza muri urwo rubanza mu kudahamagaza abagirizwa mw'igandagurwa rya Melchior Ndadaye mu gihe gikwiriye no kubibamenyesha biciye mu nzira zizwi, kubima uburenganzira bwo gushikira amadosiye y'abarerwa muri urwo rubanza be no kubima uburenganzira bwo kwunguruza.

Mu gusozera, Petero Buyoya amenyesha Yoweri Kaguta Museveni ko kw’izina ry’abantu bose bariko bararenganywa muri iyo dosiye y’urubanza rw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye no kw’izina ryiwe bwite yongeye kandi gusaba uwo arongoye igihugu ca Uganda gukora ibishoboka vyose kugira ahagarike iyo nkinamico y’urubanza rutisunga ubutungane.

Abaronderwa n’ubutungane ni 17 bagizwe n’intwazangabo zo kurwego rwo hejuru 11, Petero Buyoya n’abo bakoranye 5. Kugeza uno musi bane muri izo ntwazangabo mu gisirikare barafunzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG