Uko wahagera

Perezida wa Mali Yahayagije Umuhisi Pierre Buyoya


Umuhisi Pierre Buyoya
Umuhisi Pierre Buyoya

Umuyobozi w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat nawe nyene yashikirije itangazo ku rupfu rwa Pierre Buyoya

Prezida w’igihugu ca Mali, Bah N’Daw yatangaje ko yakiranye umubabaro urupfu rwa Pierre Buyoya yahoze ari prezida w’Uburundi. Avuga ko nyakwigendera Buyoya yari amaze imyaka umunani mu gihugu ca Mali aho yakoreye amahoro n’umutekano w’ico gihugu.

Buyoya witavye imana ku musi w’ejo i Paris mu Bufransa, yari asanzwe ari intumwa y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika mu gihugu ca Mali n’akarere ka Sahel.

Prezida N’Daw yamenyesheje ko abanyagihugu n’abandi bakorana bazomwibuka nk’umuntu yaharanira ineza y’igihugu ca Mali n’akarere kose ka Sahel.

Yongeyeho ko Buyoya yitanze atiziganya kugira akingire ubusugire n’imbibe z’igihugu ciwe mu kuvugira ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro n’ukunywanisha abanyamali.

Prezida wa Mali yasiguye ko kw’izina ryiwe bwite n’iry’abanyagihugu ba Mali, yifatanije mu mubabaro n’umupfasoni wiwe apfakaye, umuryango wiwe n’abagenzi biwe bose hamwe n’abandi bakoranye.

Perezida N’Daw avuga ko Buyoya yari umurundi, umunyafrika, umunyasahel, n’umunyamali w’igihagararo gikomeye, kandi ko bazomukumbura.

Umuyobozi w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat nawe nyene yashikirije itangazo ku rupfu rwa Pierre Buyoya.

Amenyesha ko mu mabanga yari ajejwe y’uguserukira umuryango w’ubumwe bwa Afrika muri Mali no mu karere ka Sahel gushika mu mpera z’ukwezi guheze, yerekanye ukwiyemeza kudasanzwe mu kurangura amabanga yari ajejwe.

Moussa Faki Mahamat avuga ko mu myaka 8 yari amaze muri ayo mabanga, yakoze atiziganya kugira amahoro aboneke mu karere ka Sahel.

Arangiza avuga ko, ku bw’urwego ayoboye n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika no ku giti ciwe nk’umuyobozi w’urwo rwego, yifatakije mu mubabaro ukomeye n’umuryango wa nyakwigendera Prezida Pierre Buyoya, abo bahoze bakorana n’abavandimwe basangiye igihugu b’Abarundi.

Gushika ubu ntacyo reta y’Uburundi iratangaza ku rupfu rwa Pierre Buyoya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG