Uko wahagera

Petero Buyoya Yemanze ko Yeguye mu Mabanga ya UA


Uwahoze atwara Uburundi, Perezida Petero Buyoya, amenyesha ko ingingo yo gutanga imihoho mu mabanga akomeye mu gihugu ca Mali n’Akarere ka Sahel, yari yashinzwe n’Ubumwe bwa Afrika, ari ingingo yafashe abikuye ku mutima.

Mwitangazo yashize ahabona, yagize ati : “Ni ingingo nafashe ata numwe abintegetse kandi mbanje kwiyumvira ku ngaruka zose bijanye”.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bamako ku mugwa mukuru w’igihugu ca Mali, yasiguye igituma.

Yagize ati : “Sinshaka gutera ingorane abanyizeye bakanshinga amabanga yo kubaserukira muri Mali n’akarere ka Sahel. Ni igikorwa cansaba umwanya munini, ubwitonzi n’ubukerebutsi”.

Perezida Buyoya yemeje ko agiye kwibanda kuri dosiye y’urubanza rwiwe.

Ati: “ Ubu nshaka kwigenga mu vyanje, nshire umwanya ukwiye muri dosiye yacafuje izina ryanje, n’aho n’ubundi hatazobura inzitizi ariko sinshaka kubivanga n’akazi, kuko nohava ndagakora nabi”.

Kuri we, ni akaryo ko kubaha inzego z’Ubumwe bwa Afrika zari zamutumye kuba umuserukizi muri Mali n’akarere ka Sahel.

Urubanza avuga ko agiye guha umwanya munini ni urwerekeye igandagurwa rwa Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu yamusubiriye ku butegetsi mu mwaka w’1993.

Muri urwo rubanza, ubutungane bw’Uburundi buheruka kumucira umunyororo wo gufungwa ubuzima bwiwe bwose mu kwezi guheze kw’10, co kimwe n’abandi basirikare b’intwazangabo bari kumwe ku butegetsi muri ico gihe.

Gusa, wewe abona ko ari urubanza rwabayemwo amahinyu menshi, gutyo ko ashaka gusubira kwitwara no kunguruza.

Agira ati :“Ubutungane ntibwigeze butwemerera kwisigura neza, bwarimye impusha zo kwinjira mu gihugu abashingwamanza bacu b’abanyamahanga, ndetse n’abari mu gihugu ntibahawe akaryo ko kuraba neza dosiye y’urubanza, vyumvikana ko ubutungane bwashatse kunigira mu menshi uburenganzira bwacu no kuducira urubanza rwa ngondagonde”.

Abajijwe ko ata bwoba afise ko azohava yirukanwa agatwara mu Burundi, Buyoya yishuye ati : “Nta mpungenge mfise. Hariho amategeko mpuzamakungu ankingira, kandi Uburundi ntibushobora kuyarengako ngo bukore ivyo bwifuza vyose”.

Petero Buyoya yibukije ko atari irya mbere afata ingingo nk’iyo yo gusubiza amabanga akomeye, ko yari amaze kubikora mu mwaka w’1993 aho yasubiza ubutegetsi Perezida Ndadaye Melchior, yari yatsinze amatora, kandi ko yanabikoze agasubiza ubutegetsi neza mu mwaka w’2003 biciye mu masezerano ya Arusha.

Perezida Buyoya yatanze imihoho itakike 7 z’uku kwezi kwa 11. Yaciye ashikiriza ikete ibiro Mussa Faki Mahamat atwara komisiyo y’Ubumwe bwa Afrika. Inyuma y’iminsi mike, ibiro bikuru vy’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika vyaciye bimuha inyishu, ko vyemeye ugutanga imihoho kwiwe.

Gusa remexa ko ubu atarahererekanya n’uwuzomusubirira kuko ataragenwa, kandi ko agikora ibikorwa bibayabaye, ico yise “les Affaires courantes”.

Umukozi Mukuru yahora akorana na Perezida Buyoya, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo ngingo ari nziza kuko igihugu ciwe cari caramukuyeko amaboko, kigasaba Ubumwe bwa Afrika kumufata no kumurungikira ubutungane bw’ico gihugu.

Yongeyeko ko, abategetsi b’Uburundi bari baraciye no ku bandi bakuru b’ibihugu batari bake bo muri Afrika kugira bagondoze Ubumwe bwa Afrika bumutange.

Abashingwamanza ba Perezida Buyoya bafata ko ugutanga imihoho kwa Perezida Buyoya ari “ingingo yizwe neza kandi yitondewe”.

Mu kiganiro yatanze, Buyoya ntiyatomoye aho agiye kuja. Yavuze ko ubu agiye kubanza kuruha akavyiyumvira neza.

Yamara, isoko ryacu ryizewe 100% ryatwemereye ko Buyoya yamaze “gusaba ubuhungiro mu gihugu ca Mali, kandi ko yamaze kuburonka, ndetse ko n’umutekano wiwe ukingiwe bikwiye”.

Ku rububa rwa twitter, umwe mu bahanuzi ba Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye, yanditse asaba ko nyabuna ko Perezida Petero Buyoya yorungikwa mu Burundi gukurikiranwa n’Ubutungane.

Ico gihugu ca Mali n’Akarere ka Sahel, uwo mugabo yakwije imyaka 71 y’amavuko kuri uyu wa kabiri, yari ahamaze imyaka 8 ahakorera nk’intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika. Yaragize n’uruhara rukomeye mu biganiro vyahuje Reta n’abasirikare baheruka gutembagaza ubutegetsi muri ico gihugu, kugira ubutegetsi busubire mu minwe y’abasivile.

Perezida Buyoya yatwaye Uburundi ibiringo bibiri, afashe igihugu biciye mu gutembagaza ubutegetsi. Ubwa mbere hari kuva mu mwaka w’1987 gushika mu mwaka w’1993, ubwa kabiri hari kuva mu mwaka w’1996 gushika mu mwaka w’2003, hamaze gusinywa amasezerano ya Arusha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG