Abasirikare bari ku butegetsi muri Mali bemeza ko mu ndwi iheze baburijemwo kudeta yagira ikorwe na zimwe mu ndongozi za gisirikare zibifashijwemwo n’igihugu co mu burengero batavuze izina.
Mw’itangazo indongozi za Mali zasomeye kuri tereviziyo y’igihugu ejo mw’ijoro, zagize ziti: “ Umurwi w’inkehwa z’aba ofisiye banka iterambere rya Mali baragerageje guhirika ubutegetsi mw’ijoro ry’uwa 11 ukwezi kwa gatanu, buca ari igenekerezo rya 12. Abo basirikare bari bashigikiwe n’igihugu co mu burengero bateshejwe kubera ukugaba n’ubunyamwuga bw’abajejwe gucungera umutekano.”
Itangazo ry’abategetsi b’abasirikare muri Mali nta vyinshi ryavuze ku myidondoro y’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi n’aho baherereye. Gusa, abarisomye bemeje ko batawe muri yompi kandi bazoshikanwa imbere y’ubutungane. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru rivuga ko umusirikare atashimye gutangazwa amazina yaribwiye ko abatawe muri yompi bagera kw’icumi, abandi bakaba bariko bararonderwa.
Abategetsi ba Mali ikindi bavuze mw’itangazo ryabo, ni uko amatohoza yo kurondera abagize uruhara bose mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi yatanguye, umutekano n’amarondo ku murwa mukuru Bamako bikaba vyakajijwe. Imbere y’uko itangazo risohoka ejo ku mugoroba, nta kimenyetso na kimwe cerekana ko ubutegetsi bwahatswe guhirikwa.
Kuva mu kwezi kwa munani ko mu 2020, ubutegetsi bwa Boubacar Keita butembagazwa, igisirikare ca Mali kimaze gukora kudeta zibiri. Abasirikare bari baremeye ko bazosubiza ubutegetsi mu minwe y’abasivile bitarenze mu kwa kabiri ko mu 2022, ariko ntibashikanye ivyo bemeye. Ibi vyatumye akarere gafatira ibihano bitandukanye Mali.
Facebook Forum