Uko wahagera

Mali Isaba Gukurwako Ibihano Yafatiwe Kubera Kudeta y'Abasirikare


Kolonel Assimi Goita ari imbere
Kolonel Assimi Goita ari imbere

Igihugu ca Mali casavye urwego rujejwe imigambi yo kuja hamwe mu vyerekeye ubutunzi n'amafaranga mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, UEMOA gukuraho ibihano kivuga ko bikabije rwagifatiye.

Ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO n’urwego UEMOA vyompi vyarafatiye ibihano Mali kw’italiki 9 y’ukwezi kwa mbere inyuma y’uko abasirikare bafashe ubutegetsi muri kudeta yabaye mu mwaka w’i 2020 bafashe ingingo y’ugutebesha amatora mu gihugu.

Urwego UEMOA rugizwe n’ibihugu 8 harimwo Mali rwategetse izindi nzego zijejwe amafaranga zirwegukira guhagarika ico gihugu.

Mali ivuga ko ibihano yafatiwe vyayigizeko ingaruka zikomeye mu vy’ubutunzi. Reta y’ico gihugu ivuga ko urwego UEMOA rutigeze ruyimenyesha icese ku bijanye n’ibihano rwayifatiye. Imenyesha ko birenze urugero kandi biciye kubiri n’amategeko.

Kudeta yo mu mwaka w’i 2020 yakwirikiwe n’iyigira kabiri mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, hamwe na kudeta zabaye muri Gineya na Burkina Faso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG