Uko wahagera

Abategetsi b'Ibihugu vy'Ubumwe bwa Afurika Bariyamiriza za Kudeta


Abategetsi bitabiriye inama y'ibihugu bigize ubumwe bwa Afurika
Abategetsi bitabiriye inama y'ibihugu bigize ubumwe bwa Afurika

Abategetsi b’Afurika bari mu nama y’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bw’Afurika, i Addis Abeba muri Etiyopiya bateye ivyatsi ico bise “Ingendo igayitse y’abiharaje guhirika ubutegetsi mu bihugu bigize umugabane”

Komiseri ajejwe ibibazo vya politike, amahoro n’umutekano mu muryango w’ubumwe bw’Afurika, Bankole Adeoye, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yavuze ko abategetsi bitabiriye iyo nama yaheze uno musi ku mugoroba, ata n’umwe avuyemwo bose biyamirije kudeta “Zeze ku mugabane w’Afurika”, agira ati: “ Ubumwe bw’Afurika ntibwihanganira kudeta n’imwe ya gisirikare uko iba ikozwe kose. Musubire mu mateka y’uno muryango, ntitwigeze twirukana ibihugu bine mu kiringo c’amezi 12.”

Ibihugu biheruka guhagarikwa mu bumwe bw’Afurika kubera itembagazwa ry’ubutegetsi ryakozwe n’abasirikare ni Mali, Gineya, Sudani na Burkina Faso. Zimwe mu ngingo zafatiwe mu nama y’ibihugu biri mu muryango w’Ubumwe bwa Afurika zirimwo kuba harabangirwa ibiganiro vy’uko Isirayeri yokwemererwa kuba indorerezi. Ibiganiro vyari bitegekanijwe kuri iki kibazo ca Isirayeri co kuba indorerezi muri UA ku muhingamo w’uno wa Mungu vyasibijwe, ikibazo gihabwa umurwi muto ugiye kukinoganza. Bimwe mu bihugu biri mu muryango w’Ubumwe bw’Afurika birimwo Aljeriya na Afurika y’Epfo ntibishigikiye na gato ko Isirayeri yoba indorerezi mu muryango wa AU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG