Uko wahagera

Mali Iratanguye Kubona Ingaruka z'Ibihano vya CEDEAO


Colonel Assimi Goita, arongoye abasirikare bari ku butegetsi muri Mali, mu nama na CEDEAO
Colonel Assimi Goita, arongoye abasirikare bari ku butegetsi muri Mali, mu nama na CEDEAO

Mali ntiyabashije kuriha amadeni angana imiriyoni 40 z’amadolari iheranye mu gihugu hagati. Yidogera ibihano vy’ubutunzi yafatiwe na CEDEAO.

Umushikiranganji wa Mali w’ubutunzi yarasohoye urwandiko ku musi wa kabiri ruvuga ko ibihano yafatiwe vyayibujije kuriha amadeni iheranye. Ibi bihano vyafashe amafaranga Mali ifitiye mw’ibanki y’ibihugu vyo muri ako karere ifise icicaro muri Senegal.

Modibo Mao Makalou, yize ivy’ubutunzi akongera akaba yarabaye umuhanuzi muvy’ubutunzi muri perezidanse ya Mali, yavuze ko reta ya Mali itazoshobora kuriha amadeni iheranye, ndetse no kuriha ivyo ikoresha mu bikorwa vya buri munsi.

Reta mfatakibanza y’abasirikare muri Mali ishigikiwe n’abanyagihugu isinzi mu gihugu. Kuva ifatiwe ibihano, reta ntirashiraho ikirangamisi c’amatora, ariko yemeye ko izobandanya kuganira na CEDEAO.

Mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji w’ubutunzi yongeyeko ko ayo amadeni azoca arihwa bishitse ivyo bihano bigahagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG