Uko wahagera

Ibihugu vya CEDEAO Vyafashe Ingingo yo Kwugara Imbibe na Mali


Ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afurika, CEDEAO, kuri uyu w’Imana ryemeranije kwugara imbibe zavyo na Mali no gufata ibihano vy’ubutunzi kuco bise gutevya gutunganya amatora muri Mali, inyuma ya kudeta yakozwe n’abasirikare mu 2020.

Izi ngingo zavuye mu nama y’abakuru b’ibihugu vya CEDEAO yariko yihweza ivyashikirijwe n’abategetsi mfatakibanza ba Mali, yo gutunganya amatora mu kwezi kwa cumi na kabiri 2025 atari mu kwezi kuza kwa kabiri nkuko bari bavyemeye.

Mw’itangazo ryarangije uyo mubonano, ibihugu vya CEDEAO bivuga ko vyasanze ikirangamisi c’amatora catanzwe na Mali kitokwemerwa.

Ibihugu 15 bigize uyo muryango vyavuze ko vyumvikanye gufatira Mali ibindi bihano vy’inyongera, bica bishirwa mu ngiro bidatevye. Ibi bihano birimwo kwugara imbibe z’ubutaka canke izo mu kirere na Mali, guhagarika ihanahana ry’amafaranga atari ayankenerwa cane. Iyindi ngingo ni ugufata amatungo ya Mali ari mw’ibanki nkuru ya CEDEAO hamwe no mu mabanki y’ubudandaji.

Abategetsi ba Mali ntaco baravuga kuri iyi ngingo ya CEDEAO.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG