Uko wahagera

Mali Irahakana Gukorana n'Umurwi w'Abacangero b'Abarusiya


Imodoka yegukira umurwi w'abacangero b'Uburusiya
Imodoka yegukira umurwi w'abacangero b'Uburusiya

Reta ya gisisirikare ya Mali yagirizwa ko iriko ikoresha umurwi w’Abarusiya mu kugwanya intagondwa mu gihugu irabihakana. Umurwi w’abagwanyi bo mw’ishirahamwe ryigenga Wagner Group wafatiwe ibihano n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ku birego vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu uregwa ko waherewe na reta ya Mali kugira urwanye intagondwa z’abaislamu. Yamara reta ya Mali irabihakana ikavuga ko ikorana n’igisirikare c’Uburusiya conyene.

Amareta y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi kumwe n’abahinga bagiriza uwo murwi Wagner Group igandagura ry’abanyagihugu harimwo abo muri Centrafrika n’abo muri Libiya.

Ku musi wa gatanu niho Mali yahakana icese ivyo birego vyashikirijwe n’Ubufaransa aho bwari bwifatanije n’ibindi bihugu 15 vyo mu burengero. Mali isaba ko haba ivyabona vyigenga vyotanga umuco kuri ivyo birego. Ku musi wa kane niho ivyo bihugu vyanegura ishika ry’abo bagwanyi bigenga ba Wagner Group muri Mali.

Ivyo bihugu vyasohoreye itangazo hamwe binegura reta y’Uburusiya, vyongera biyagiriza guha ibikoresho umurwi Wagner Group vyo gutwara abagwanyi babo muri Mali. Reta y’Uburusiya irahakana ico gikogwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG