Uko wahagera

Mali: Abanyagihugu Barashigikiye ko Goita Azana Abacangero


Mali Coup
Mali Coup

Abantu baharurwa mu bihumbi bitatu bihereje amabara ku murwa mukuru wa Mali, mu myiyerekano kuri uyu wa gatatu. Iyo myiyerekano yari itumbereye kwerekana ko bifatanije n’ubutegetsi bwa gisirikare mu kwamirira kure abanyamahanga bivanga muvy’ico gihugu.

Iyi myiyerekano ibaye mu gihe umusirikare arongoye Mali, Colonel Assimi Goita, ahanganye n’amakungu ariko aramuremera amusaba guhagarika gusinya amasezerano n’ikompanyi y’Uburusiya yigenga, Wagner icungera umutekano.

Ubufaransa bwahoze bukoloniza Mali, kandi bufise ibihumbi vy’abasirikare muri ico gihugu, bwaragabishije ko buteye kubiri n’isinywa ry’ayo masezerano. Ni inyuma y’aho ibimenyeshamakuru bitangarije ko Mali iri hafi yo guha akazi abacangero 1000 ba Wagner muri uku kwezi.

Umushikiranganji w’Ubufaransa wo kwivuna abansi, Florence Parly, yavuze muri iyi ndwi ko bitazokunda ko reta yiwe ikorana n’abo bacangero. Ubudagi na bwo nyene busanzwe bufise abasirikare muri Mali, bwavuze ko bushobora gusubira kwihweza nimba bwovayo igihe Mali yoshika ku masezerano n’ikompanyi Wagner.

Siriki Kouyate, umuvugizi w’umugwi watunganije iyo myiyerekano, yavuze ko abasirikare b’Ubufaransa bananiwe n’igikorwa cabajanye muri Mali. Avuga kandi ko ibi bidakwiye kubandanya uko.

Mali yarananiwe gutuza ubutakigaruka imirwi y’abajihadiste kuva mu 2012. Ubufaransa bwagiye gufasha mu 2013, ariko intambara zariyongereye naho hari inteko z’Ubufaransa. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG