Uko wahagera

Amerika Ihanura Mali Kudakoresha Abacangero b'Abarusiya


Isanamu y'abacangera ba Wagner
Isanamu y'abacangera ba Wagner

Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bwo kwivuna abansi buragabisha ko umutekano muke ushobora kwunyuka muri Mali. Ni mu gihe ico gihugu coshika ku masezerano yo gukoresha abacangero b’Abarusiya mu gufasha muvy’umutekano no kurwanya iterabwoba.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Cindi King, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yihweje ivy’ishirahamwe Wagner rivugwa ko rishobora kurungika abacangero, mu gihe ayo masezerano yopfundikwa bishobora kuzotwara ikiguzi kinini Mali mu buryo butandukanye.

Haraheze indwi zitari nke abategetsi ba Amerika n’Ubufaransa bagerageza kugondoza abategetsi ba Mali kudasinya ayo masezerano. Amakuru aca mu bimenyeshamakuru avuga ko ico gihugu kizoriha isosiyete Wagner imiriyoni 10 n’ibihumbi 800 vy’amadolari buri kwezi, ku bacangero 1000 b’Abarusiya bazomenyereza igisirikare ca Mali no gucungera umutekano w’abategetsi bakuru bakuru.

King aragabisha kandi ko ayo masezerano hagati ya Mali na Wagner ashobora guhungabanya utwigoro amakungu yarimwo two gushigikira reta mfatakibanza ya Mali.

Reta mfatakibanza ya Mali yarahakanye ko ayo masezerano abaho, ariko umushikiranganji wa mbere yabwiye Ijwi ry’Amerika mu ndwi iheze ko inyifato ya Amerika, Ubufaransa hamwe n’ibindi bihugu yatumye reta mfatakibanza igira ico yiwe amahitamwo make.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG