Uko wahagera

Ubufaransa Buhangayikishijwe n'Umugambi w'Abacangero muri Mali


Umushikiranganji w'Ubufaransa wo kwivuna abansi, Florence Parly.
Umushikiranganji w'Ubufaransa wo kwivuna abansi, Florence Parly.

Umushikiranganji w’Ubufaransa wo kwivuna abansi, Florence Parly, yashitse muri Mali kuri uyu w’Imana kuremera abasirikare bari ku butegetsi muri Mali guhagarika ibiganiro vyo kuzana abacangero b’Abarusiya muri ico gihugu. Ikindi kimujanye ni ukuremera abo basirikare kwubahiriza ico biyemeje co gusubiza igihugu mu butegetsi bwisunze ibwirizwa shingiro, nkuko bavyemeye mu kwezi kwa kabiri.

Amakuru ava mubadiplomate n’abajejwe umutekano yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ko ubutegetsi bw’igisirikare bwa Mali bwegereje gusinya amasezerano yo kuzana ishirahamwe ry’Abacangero b’Abarusiya, Wagner. Aya makuru avuga kandi ko Ubufaransa bwatanguye ibikorwa vya kidipolomasiya vyo guhagarika isinywa ry’ayo masezerano. Buvuga ko azobangamira ibikorwa vya gisirikare vy’Ubufaransa muri ico gihugu.

Eka n’ishirahamwe CEDEAO rihurikiyemwo ibihugu vyo muri ako karere, hamwe n’ibindi bihugu biriko birafasha kurwanya iterabwoba mu karere ka Sahel, barashikirije amakenga bafise kuri ayo masezerano.

Urugendo rwa Florence Parly muri Mali ni rwo rwa mbere rw’umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru w’Ubufaransa agize kuva ivyo biganiro vyo kuzana abacangero b’Uburusiya bitanguye. REUTERS

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG