Uko wahagera

Mali: Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi Ntibemera Ikiringo Mfatakibanza Capfunditswe


Inama yahuje abenegihugu ba Mali kuri Kazoza k'Igihugu
Inama yahuje abenegihugu ba Mali kuri Kazoza k'Igihugu

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Mali, kuri uyu w’Imana banse kwemera umugambi wa reta igizwe ahanini n’abasirikate, w’ikiringo c’imfatakibanza kiva ku mezi atandatu gushika ku myaka itanu imbere yo gusubiza igihugu ku ntwaro ya demokarasi.

Igisirikare kiri ku butegetsi muri Mali kuva mu kwezi kwa munani 2020, gikoze kudeta zibiri congera cunguruza amatora, cari cavuze ko azoba mu kwezi kuza kwa kabiri.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu, Abdoulaye Diop, yarungikiye uwo mugambi mushasha ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero, CEDEAO ku musi wa gatandatu. Iyi ngingo yafatiwe mu biganiro vy’abaserukiye abandi mu gihugu kuri kazoza k’igihugu. Ariko imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’ayandi mashirahamwe ntiyavyitabiriye.

Uyo mugambi w’imfatakibanza uva ku mezi atandatu ku myaka itanu, utegekanijwe gutangura kuva kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa mbere.

Ishirahamwe CEDEAO, ritegekanya gukorana mu nama idasanzwe kuri Mali ku murwa mukuru Accra muri Ghana kw’itariki y’icenda ukwezi kwa mbere. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG