Uko wahagera

CEDEAO Isaba Mali Kwisunga Ikiringo c'Amatora


Abakuru b’igihugu vyo mu burengero bwa Afrika basavye ubutegetsi bwa gisirikare muri Mali kugumiza amatora y’umukuru w’igihugu kw’italiki ya 27 ukwezi kwa kabiri nkuko vyari vyraumvikanywe ubwa mbere.

Ibi vyavuye mu nama yahuje abo bategetsi b’ibihugu bihurikiye muri CEDEAO yabereye muri Nijeriya kuri uyu w’Imana. Bagabisha ko mu gihe Mali itokwemera gusubiza igihugu mu nzira ya demokarasi, ibindi bihano bizofatwa.

Abari kw’isonga muri reta ya Mali bemeye mu gatondo ka kare kuri uyu w’Imana ko mu mpera z’ukwezi kwa mbere 2022 ari ho bazoha iryo shirahamwe CEDEAO ikirangamisi c’amatora.

Ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, ryahagaritse Mali muri uyo muryango inyuma ya kudeta zibiri zakozwe n’abasirikare mu kwezi kwa munani 2020 n’ukwa gatatu 2021. CEDEAO yaciye ifatira ibihano abategetsi bafise uruhara muri uko gutevya amatora.

CEDEAO yemeje kandi kugumizaho ibihano vyafatiwe akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Gineya kw’itariki ya 5 y’ukwezi kw’icenda. Iryo shirahamwe risaba abategetsi b’ico gihugu gushiraho ikirangamisi kizosubiza ubutegetsi mu minwe y’abasivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG