Uko wahagera

Mali: Perezida n'Abashikiranganji 2 Bafunzwe n'Igisirikare


Iyi sanamu yafashwe kw'itariki ya 25 ukwezi kw'icenda, 2020 yerekana perezida wa reta mfatakibanza ya Mali, Bah Ndaw mu birori vyo kumwimika i Bamako.
Iyi sanamu yafashwe kw'itariki ya 25 ukwezi kw'icenda, 2020 yerekana perezida wa reta mfatakibanza ya Mali, Bah Ndaw mu birori vyo kumwimika i Bamako.

Abategetsi ba gisirikare muri Mali kuri uyu wa mbere bapfunze umukuru w’igihugu, umushikiranganji wa mbere hamwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi ba reta mfatakibanz. Ni ingendo bamwe bavuga ko igiye gutuma ivya poritike muri ico gihugu biyangara, mu gihe hari haheze amezi kudeta y’abasirikare ikuyeho uwahoze arongoye ico gihugu, Ibrahim Boubacar Keita.

Perezida Bah Ndaw, umushikiranganji wa mbere Moctar Ouane hamwe n’uwo kwivuna abansi, Souleymane Doucoure, bose batwawe mw’ikambi ya gisirikare iri i Kati, hanze y’umurwa mukuru Bamako. Ibi vyabaye inyuma y’aho abategetsi babiri ba gisirikare batakarije ibibanza vyabo mw’ihindurwa ry’abagize reta, nkuko amakuru ava mu badiplomate no muri reta abivuga.

Umurwi wa ONU muri Mali, wasavye ko abo bategetsi barekurwa vuba bwango atakirinze gusabwa, kandi ababikoze bazobibazwa.

Intumwa z’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, ECOWAS, ziragendera Mali kuri uyu wa kabiri gufasha gutorera umuti ico bise ukugerageza gutembagaza ubutegetsi ubugira kandi, nkuko itangazo rusangi ry’ubumwe bwa Afrika, ubumwe bwa Buraya hamwe n’ibihugu bitari bike vya Buraya ryabivuze.

Intumbero nyamukuru yatumye abasirikare bafata iyo ngingo ntiramenyekana neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG