Uko wahagera

Mali: Ubutegetsi Buvuga ko Amatora Ashobora Kuzokwigizwayo Amezi


Col. Assimi Goita mu nama ya CEDEAO i Accra, muri Ghana, kw'itariki ya 15/09/2020.
Col. Assimi Goita mu nama ya CEDEAO i Accra, muri Ghana, kw'itariki ya 15/09/2020.

Amatora yari yitezwe kuzoba mu ntango z’umwaka uza muri Mali ashobora kuzokwigizwayo amezi. Ibi vyavuzwe n’umushikiranganji wa mbere kuri uyu w’Imana. Yongeyeko ko ariko arondera abandi basubirira Ubufaransa gucungera umutekano mu gihe buriko buritegura kugabanya inteko zabwo muri ico gihugu casinzikajwe n’intambara.

Mu kiganiro yatanze i New York, haruhande y’inama rusangi ngaruka mwaka ya ONU, Choguel Kokalla Maiga yavuze ko igihambaye kuri bo ari ugutunganya amatora azokwemerwa na bose aho kuyatunganya vuba igihutihuti kw’itariki ya 27 y’ukwezi kwa kabiri.

Avuga ko amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka ashobora kuzokwigizwayo indwi zibiri, amezi abiri canke ayarenga, kandi ko ingingo izofatwa mu kwezi kw’icumi kuzoza.

Colonel Assimi Goita yameye kuzotunganya amatora mu kwezi kwa kabiri 2022, atumbereye gusubiza ubutegetsi abasivile inyuma ya kudeta yabaye mu kwezi kwa munani k’umwaka uheze yakorewe perezida yatowe Ibrahim Boubacar Keita. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG