Uko wahagera

Assimi Goita Yatumiwe mu Nama ya CEDEAO


Kolonel Assimi Goita
Kolonel Assimi Goita

Ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, ryahamagaje inama idasanzwe ku musi wa gatanu, ku ruhagarara rwa poritike muri Mali. Yatumiwemwo umusirikare arongoye ico gihugu co mu karere ka Sahel, Assimi Goita.

Iyi nama izobera i Accra ku murwa mukuru wa Ghana, mu gihe haheze hafi indwi intumwa ya CEDEAO muri Mali igiye i Bamako mu biganiro bigamije kugarukana ubutegetsi bwa gisivile mu gihugu.

Ibihugu 15 bihurikiye muri CEDEAO biriko biraremera igisirikare cafashe ubutegetsi muri Mali mu 2020 biciye muri kudeta, gutunganya amatora mu mezi ari hagati ya 12 na 16. Ariko umusirikare ari kw’isonga ry’abakoze kudeta, Assimi Goita, yamaze kurahira nka perezida w’imfatakibanza, gushika ubu yaranse gukurikiza ibisabwa n’amakungu ngo atunganye amatora muri ico kiringo.

Ntibiramenyekana nimba Assimi Goita azokwitabira iyo nama ya CEDEAO.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG