Uko wahagera

Intumwa ya CEDEAO Yavuye muri Mali Itaronse Itariki y'Amatora


Abakuru mu gisirikare ca Mali baje gutegera uwahoze ari perezida wa Nijeriya Goodluck Jonathan ashitse ku kibuga c'indege c'i Bamako
Abakuru mu gisirikare ca Mali baje gutegera uwahoze ari perezida wa Nijeriya Goodluck Jonathan ashitse ku kibuga c'indege c'i Bamako

Intumwa y’ishirahamwe CEDEAO mu biganiro muri Mali, uwigeze kuba ari perezida wa Nijeriya, Goodluck Jonathan, yavuye muri Mali kuri uyu w’Imana ataronse itariki y’amatora azosubiza igihugu ku butegetsi burongowe n’abasivile.

Jonathan, inyuma y’urugendo rwiwe rw’imisi ibiri yavuze ko gutunganya amatora mu myaka itanu nkuko abasirikare babisavye ubwa mbere ari ikiringo kirekire kitokwemerwa. Umwe mu bari kumwe nawe yavuze ko urugendo rwabo i Bamako rwarangiye ata kivuyemwo, kandi n’abo muri reta ya Mali begereye ivyo biganiro babivuze uko nyene.

Ibi ni mu gihe Mali ikiri mu bihano vy’ubutunzi yafatiwe na CEDEAO kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka wa 2021.

Mu rwandiko rwabonywe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, komite y’ubuhinga ya CEDEAO yari yasavye ko hatunganywa amatora mu mezi ari hagati ya 12 na 16, akazohagarikirwa na komisiyo yigenga y’amatora.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG