Uko wahagera

Prezida wa Mali n'Umushikiranganji wa Mbere Baracapfunzwe


Bamwe mu basirikare bafashe ubutegetsi
Bamwe mu basirikare bafashe ubutegetsi

Prezida wa Mali, Bah N'Daw n'umushikiranganji wa mbere, Moktar Ouane baracapfunzwe n'abasirikare bagumutse. Bajanywe ku nguvu ku cicaro c’igisirikare amasaha makeya inyuma y'uko abanywanyi 2 mu basirikare bafashe ubutegetsi muri coup d’etat yabaye haraheze amazi 9 badashizwe muri reta nshasha mfatakibanza.

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO hamwe n’amakungu vyasavye ko Prezida Bah N’Daw n’umushikiranganji wa mbere, Moctar Ouane bajanywe hamwe n’abandi ku cicaro c’ikambi y’igisirikare ya Kati mw’ijoro ryo ku musi wa mbere barekurwa bidatevye.

Iyo kambi iri ku bilometero 15 umuntu avuye ku murwa mukuru wa Mali, Bamako, kandi ni yo kambi yahoze icumbitswemwo n’abagize coup d’etat. Amakungu ariyamiriza ikoreshwa iryariryo ryose ry’inguvu, n’ugutuma abategetsi batanga imihoho ku nguvu.

Amenyesha ko ingingo itiyumviwe yafashwe y’ugupfunga umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere ishobora kuzogeramira ivyerekeye gufasha Mali. Vyitezwe ko abaserukira ishirahamwe CEDEAO bagendera umurwa mukuru, Bamako uno musi ku wa kabiri.

Nta tangazo igisirikare kirasohora ku vyerekeye ingingo cafashe. Ingingo cafashe irateye amakenga mashasha ku vyuko niba reta mfatakibanza izoshobora kubandanya mu mwidegemvyo, igashobora kugirisha amatora mashasha arangwa na demokrasi mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uza mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG