Uko wahagera

Mali Yahagaritswe muri CEDEAO Kubera Gutembagaza Ubutegetsi


Bamwe mu bari bitabiriye inama yo kwiga ku kibazo ca Mali
Bamwe mu bari bitabiriye inama yo kwiga ku kibazo ca Mali

Ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, ryahagaritse muri uwo muryango igihugu ca Mali. Mw’itangazo ryasohowe inyuma y’inama yahuje abakuru b’ibihugu 15 bigize CEDEAO ejo ku wa Mungu muri Ghana, abo bategetsi bateye ivyatsi ihirikwa ry’ubutegetsi rigira kabiri muri Mali mu kiringo c’amezi icenda, bongera bagabisha ko hambavu yo guhagarika Mali muri CEDEAO, bashobora kuyifatira n’ibindi bihano.

CEDEAO mu vyo yasavye Mali gukora vyihuta, harimwo ukugena mu maguru masha umushikiranganji wa mbere kandi akava ku ruhande rw’amashirahamwe yigenga, guha umwidegemvyo Prezida yari yagenywe kurongora ico gihugu vy’imfata kibanza co kimwe n’umushikiranganji wa mbere. Uwo muryango wavuze ko naho abo bagabo babiri bari bahagaritswe ku wa mbere uheze inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi barekuwe, bagifungishijwe ic’amaso mu mihana yabo.

Muri iryo tangazo, CEDEAO yabandanije ibwira Mali ko itegerezwa gutunganya amatora mu kwa kabiri ko mu 2022 nkuko ikirangaminsi cashizweho ubutegetsi bugitembagazwa ubwa mbere mu 2020 cabitomora. Uwo muryango ntaco wigeze uvuga kw’igenwa rya Coloneli Assimi Goïta nka Prezida wa Mali. Uyu musirikare yatembagaje ubutegetsi incuro zibiri zose yemejwe mu ndwi iheze na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro muri Mali nka perezida w’imfatakibanza.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP dukesha ino nkuru rivuga ko Coloneli Goïta kuva kuwa gatadantu yari i Accra ku murwa mukuru wa Ghana mu mishikirano yabanjirije inama y’ejo. Ntiyitabiriye ariko inama nyezina yafatiwemwo ingingo yo guhagarika Mali muri CEDEAO nkuko AFP ibandanya ibivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG