Uko wahagera

Ibihugu 15 vya Afurika mu Nama kw'Itembagazwa ry'Ubutegetsi muri Mali


Coloneli Assimi Goita aramutswa Mali vy'imfatakibanza
Coloneli Assimi Goita aramutswa Mali vy'imfatakibanza

Abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, kuri uno wa Mungu barahurira muri Ghana mu nama yo kwiga ku kibazo c’itembagazwa ry’ubutegetsi ribaye ubugira kabiri muri Mali mu kiringo c’amezi icenda.

Mu batumiwe muri iyo nama, harimwo Prezida mushasha wa Mali coloneli Assimi Goita yaraye ashitse i Accra ku murwa mukuru wa Ghana. Itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, rivuga ko ikete rifitiye kopi ryerekana ko Coloneli Goita yatumiwe mu mishikirano iza kubanziriza inama nyezina y’ibihugu 15 bigize CEDEAO.

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro muri Mali ku wa gatanu w’ino ndwi ni ho yemeza Coloneli Assimi Goita nka perezida w’imfatakibanza w’ico gihugu. Ihirikwa ry’ubwo butegetsi bwa gisivile vyari bitegekanijwe ko butwara Mali vy’imfatakibanza gushika mu 2022 hatunganijwe amatora, ryabaye ku wa mbere.

Twibutse ko mu kwezi k’umunani ko mu 2020, Coloneli Assimi Goita na bagenzi biwe bandi bari bavanye ku butetetsi Prezida Ibrahim Boubacar Keïta bari banse guha ubutegetsi abasivile, ariko kubera ukugondozwa n’amakungu bihera babikoze. Kuri ino ncuro ya kabiri batembagaje ubutegetsi, bavuze ko bazokubahiriza isango ryo gutunganya amatora mu 2022 naho hashobora kuzoba harimwo “Impinduka”.

Mu gihe Ibihugu bihurikiye muri CEDEAO vyagabishije ko ibihano vyari vyashizwe kuri Mali mu kwezi kwa munani, bikaza kuvaho hagiyeho reta mfatakibanza bishobora gusubiraho, Ubufaransa nabwo bwavuze ko budashobora kubandanya kuba ku ruhande rw’igihugu kitagira demokarasi nticubahirize n’inzego z’imfatakibanza.

Ku ncuro ya mbere abasirikare batembagaza ubutegetsi mu kwezi kw’umunani mu 2020, CEDEAO mu bihano yari yafashe harimwo uguhagarika Mali mu nzego zose zifata ingingo muri uwo muryango, kuyugarira imbibe no guhagarika ihanahana ry’ibidandazwa hagati yayo n’ibihugu bigize uwo muryango.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG