Uko wahagera

Abatembagaje Ubutegetsi muri Mali Bipfuza Kubugumana Gushika 2023


Akarwi k’abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Mali, katangaje ko kazoba kararindirije amatora gushika mu 2023. Abo basirikare bavuga ko bashaka gufata umwanya wo gutunganya ibwirizwa shingiro rishasha imbere yo gukoresha amatora. Uyo mugambi usa n’uwuzokwiyamirizwa n’abategetsi barongoye ishirahamwe ryo mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero (CEDEAO), hamwe n’igihugu c’Ubufaransa cahoze gikolonije igihugu ca Mali.

Intumwa 15 zo mu mw’ishirahamwe CEDEAO ziriko ziratera akamo abasirikare batembagaje ubutegetsi, basaba kubusubiza mu minwe y’abasivile. Mu ntango abo bategetsi bari basavye ko Prezida Ibrahim Boubacar Keita yakuwe ku butegetsi asubizwa mu mabanga yiwe. Yamara ico ciyumviro gisa n’icahebwe muri iki gihe abanyagihugu isinzi bashigikiye abasirikare batembagaje ubutegetsi.

Izo ntumwa zirongowe na Goodluck Jonathan yahoze arongoye igihugu ca Nijeriya ziramaze kubonana n’abategetsi batembagaje ubutegetsi, barimwo Colonel Assimi Goita, umukuru wabo. Izo ntumwa zatangaje kw’ibiganiro biriko bigenda neza kandi ko hari ibitari bibe bamaze kwumvikanako, birimwo kurekura Keita.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG