Uko wahagera

Mali: Ubutegetsi Busaba Cedeao Guhagarika Ibihano kuri Mali


Colonel Assimi Goita, arongoye abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Mali mu nama ya Cedeao

Umukuru w’akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali, Colonel Assimi Goita, kuri uyu wa kabiri yasavye ko ibihano vy’ubutunzi vyafatiwe igihugu ciwe mu kwezi guheze bivanwaho.

Yabibwiye abamenyeshamakuru mu birori vyo kwibuka imyaka 60 iheze Mali ironse intahe yo kwikukira. Goita yavuze ko kubera haheruka kugenwa perezida w’imfatakibanza w’umusivile, ishirahamwe CEDEAO rikwiye guhagarika ibihano ku budangaji.

Ibihugu 15 bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ryo mu karere ka Afrika y’uburengero, CEDEAO, vyugaye imbibe zavyo na Mali vyongera bihagarika guhanahana ibidandazwa n’ico gihugu. Ni inyuma y’aho abasirikare bakuriye Prezida Ibrahim Boubacar Keita ku butegetsi kw’itariki ya 18 z’ukwezi kwa munani.

Mu ndwi iheze, ibihugu vya CEDEAO vyarashimanze ko bigumizaho ibihano kiretse abasirikare bategeka igihugu bagenye abasivile ku burongozi bw’igihugu. Colonel Goita asavye ibi inyuma y’aho akagwi k’abategetsi ba Mali ku musi wa mbere gahisemwo colonel Bah Ndaw yakukurutse ngo abe perezida w’imfatakibanza.

Uwo mutegetsi mushasha w’imyaka 70 yahoze ari umusirikare azorongora reta mfatakibanza amezi atarenga 18 imbere y’amatora, nkuko akagwi kafashe ubutegetsi kabitegekanya. Ariko abakuru b’ibihugu mu karere ntaco barashikiriza kw’igenwa rya Colonel Ndaw.

Goita ubwiwe azoguma ari icegera ca perezida muri reta mfatakibanza.

Umuhuza wa CEDEAO muri Mali, uwahoze ari perezida wa Nijeriya, Goodluck Jonathan, yitezwe ku murwa mukuru Bamako kuri uyu wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG