Uko wahagera

CEDEAO Isaba Ubutegetsi bwa Gisivili muri Mali


Abategetsi b'igihugu 6 vyo muri Afrika yo muri Afrika yo mu burengero basaba ko hashirwaho intwaro y'igisivile mu gihugu ca Mali mu misi iri imbere.

Batangaje ko abategetsi b’abasirikare b’ico gihugu botegerezwa kugena abayobozi b’ikiringo mfatakibanza b’abasivile mu misi iri imbere. Abo bategetsi boyobora igihugu mu kiringo gishikana ku matora.

Abakuru b’ibihugu 6 mu bigize ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero CEDEAO mu mpfunyapfunyo barabonanye ku musi wa kabiri n’abategetsi b’abasirikare ba Mali ku musi wa kabiri mu gihugu ca Ghana. Prezida wa Ghana Nana Akufo-Addo ni we ayoboye muri iki gihe ishirahamwe CEDEAO. Barumvikanye ko bategerezwa gushiraho prezida n’icegera ca prezida b’abasivile.

Ishirahamwe CEDEAO risaba rishimitse ko abayobozi b’ikiringo mfatakibanza baba abasivile. Ryariyamirije ibisabwa n’abategetsi b’abasirikare vy’uko abo bayobozi boba bava mu gisirikare.

Prezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo, yavuze ko niyo ubuyobozi bw’igisivile bwashirwaho, ibihano akarere kafatiye Mali bizovanwaho. Amenyesha ko ivyo vyotegerezwa kuba mu misi mikeyi iri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG