Uko wahagera

CEDEAO Yizeye Kubona Reta Mfatakibanza muri Mali Mu Misi


Perezida wa Ghana Nana Akufo-Addo, arongoye inama ya CEDEAO i Accra kuri Mali.
Perezida wa Ghana Nana Akufo-Addo, arongoye inama ya CEDEAO i Accra kuri Mali.

Abakuru b’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika bavuze ko biteze kubona reta mfatakibanza irongowe n’abasivile muri Mali mu misi iri imbere. Ni inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri baganiriye n’akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi mu kwezi guheze.

Ibihugu vya CEDEAO vyarafatiye ibihano Mali inyuma ya kudeta, harimwo kwugara imbibe zavyo na Mali hamwe no guhagarika guhanahana ibidandaza no guhanahana amafaranga. Basavye kandi ko amatora abwirizwa kuba mu mezi 12.

Perezida wa Ghana Nana Akufo-Addo, ubu arongoye CEDEAO yabwiye abanyamakuru ko hakwiye kuba reta mfatakibanza irongowe n’abasivile.

Akufo-Addo yavuze ko umuhuza aserukira CEDEAO ashobora kuja i Bamako mu ndwi imwe kandi abaperezida bo muri ako karere bakeneye ko ibi biganiro birangira.

Iryo shirahamwe ryari ryahaye abo basirikare gushika kuri uyu wa kabiri kuba bagenye perezida w’umusivile n’umushikiranganji wa mbere ngo barongore reta mfatakibanza.

Ako kagwi ntikubahirije iryo sango ariko umukuru wako Colonel Assimi Goita, yaragiye mu biganiro muri Ghana mu rugendo rwiwe rwa mbere mu mahanga kuva afashe ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG