Uko wahagera

Mali: Col. Major Bah N’Daw Yagenwe Kurongora Reta Mfatakibanza


Col. Bah N'Daw, yagenwe kurongora reta mfatakibanza muri Mali
Col. Bah N'Daw, yagenwe kurongora reta mfatakibanza muri Mali

Akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali kuri uyu wa mbere kagenye Col. Major Bah N’Daw kuba perezida mu kiringo c’imfatakibanza. Umukuru wa komite y’igihugu yo kubohora igihugu, CNSP mu mfunyapfunyo Col. Assimi Goïta yabitangaje kuri televiziyo y’igihugu.

Bah N'Daw yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, yagenwe n’akagwi k’abantu 30 bagize komite y’igihugu yo kubohora igihugu, katwaye Mali kuva Perezida Ibrahum Boubakar Keita akubiswe kudeta kw’itariki 18 z’ukwezi kwa munani.

Perezida mushasha yitezwe kurongora igihugu amezi atari make imbere yo gusubiza igihugu ku burongozi bwa gisivile.

Ibirori vy’irahira ryiwe bitegekanijwe ku munsi wa gatanu, itariki 25 z’ukwezi kw’icenda.

Aya matangazo asohowe haheze indwi zitari nke hari ukuganira hagati y’abanyemali kuworongora reta mfatakibanza ko yoba umusivile canke umusirikare.

Ishirahamwe ry’ubutunzi bw’igihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO ryamye risatira abasirikare bigaruriye ubutegetsi muri Mali kugena vuba abategetsi barongora ikiringo mfatakibanza.

Ku munsi wa gatanu, Col. Assimi Goïta, yaragize urugendo i Niamey, muri Nijeri, aho yabonanye na perezida arongoye CEDEAO iki kiringo, Mahamadou Issoufou.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG