Uko wahagera

Mali: Bagenye Abategetsi Bashasha ba Gisirikare


Akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali kuri uyu wa gatatu kagenye umukuru mushasha w’ibiro vya gisirikare hamwe n’abandi bantu mu bindi bibanza bikomeye mu gisirikare no mu nzego z’umutekano. Ni mw’itegeko ryasohowe kuri uyu wa gatatu, inyuma y’indwi zibiri zirenga bigaruriye ubutegetsi.

General Oumar Diarra, yahawe kurongora ibiro bikuru vya gisirikare mw’itegeko ryasinywe kw’itariki 1 y’ukwezi kw’icenda n’umukuru w’abo basirikare, Colonel Assimi Goita.

Asubiriye General Abdoulaye Coulibaly, anegurwa kuba yaratakaje abasirikare amajana n’amajana mu myaka iheze mu rugamba n’intagondwa, naho igisirikare ca Mali gishigikiwe muri urwo rugamba n’Ubufaransa, amakungu hamwe n’inteko za ONU.

General Coulibaly aracafunzwe cokimwe n’abandi baofisiye hamwe n’abategetsi muri politike bafashwe muri kudeta yo kuwa 18 z’ukwezi kwa munani yakuyeho Perezida Ibrahim Boubacar Keita.

Keïta afungishijwe icamaso mu rugo iwe, aho atemerewe gukoresha interineti na telephone umwanya wose, kandi atabamugendera, nkuko abahoze begereye perezida babivuga.

Amakura ava mu gisirikare avuga ko igikorwa cahawe umukuru mushasha w’ibiro bikuru vya gisirikare ari ukuvugurura igisirikare ca Mali no kukirekurira kurwanira igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG