Uko wahagera

CEDEAO Ishobora Guhagarika Ibihano Yafatiye Mali


Uwahoze ari Perezida wa Nijeriya Goodluck Jonathan ku kibuga c'indege i Bamako agiye guhuza abanyemali inyuma ya kudeta.
Uwahoze ari Perezida wa Nijeriya Goodluck Jonathan ku kibuga c'indege i Bamako agiye guhuza abanyemali inyuma ya kudeta.

Umuhuza yarungitswe n’ishirahamwe ry’ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero, CEDEAO yavuze ko bisa nuko bagiye gufata ingingo ku musi wa gatanu yo gukuraho ibihano vy’ubutunzi ryafatiye Mali inyuma ya kudeta yabaye mu kwezi guheze.

Umuhuza mu matati ya Mali, uwahoze ari perezida wa Nijeriya, Goodluck Jonathan, yavuze ko ivyo bihano vyafashwe na CEDEAO bitari bikwiye. Hari mu rugendo arimwo i Bamako kuri uyu wa gatatu.

Abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero barakoresheje ububasha bafise, bafatira ibihano akagwi k’abasirikare kakuye Ibrahim Boubakar Keita ku butegetsi kugira basubize ubutegetsi abasivile.

Ibihugu vya CEDEAO vyugaye imbibe zose zibihuza na Mali hamwe no guhagarika guhanahana ibidandazwa.

Abasirikare basavye muri iyi ndwi ko ivyo bihano bikurwaho inyuma y’aho uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abans,i Colonel Bah Ndaw agenewe kuba umukuru w’igihugu w’imfatakibanza mu mezi 18.

Perezida w’imfatakibanza bitegekanijwe ko arahira muri uyu mwanya kuri uyu wa gatanu, mu gihe umukuru w’ako kagwi Colonel Assimi Goita, azoba icegera ciwe imfatakibannza.

Jonathan, ari muri Mali kuri uyu wa gatatu kwirabira uko vyifashe, yavuze ko CEDEAO igiye gufata ingingo kuri ivyo bihano. Yavuze kandi iryo shirahamwe ata nyungu rifise ryo gukandamiza igihugu co mu muryango mu bihano.

Ariko Jonathan yongeyeko ko perezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo ari nawe arongoye CEDEAO muri iki kiringo ari we azotangaza iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG