Uko wahagera

Mali: Icuka Kibi Hagati y'Abatembagaje Ubutegetsi n'Abatavuga Rumwe na Reta


Muri Mali icuka kibi kibandanya kwiyongera hagati y’abasirikare batembagaje ubutegetsi n’imigwi y’abatavuga rumwe na reta yahahora. Ejo ku musi w’Imana niho icuka kibi hagati y’imigwi y’abagiye hamwe mu gutembagaza ubutegetsi bwa Ibrahim Boubacar Keita ciyongera. Ni mu gihe umugwi w’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali batangaje umugambi wo gutunganya reta nshasha bavuga ko uzomara ikiringo c’amezi 18 ari bo bayoboye igihugu.

Mu gihe iyo migwi ibiri yari isanzwe yumvikana ku bijanye n’uko umukuru w’igihugu ava k’ubutegetsi, urugendo rwabo rusa n’urugenda rutandukana kuva umukuru w’igihugu avuye k’ubutegetsi kw’itariki 18 ukwezi kw’umunani inyuma y’imyiyerekano y’abagwanya ubutegetsi bwiwe.

Ejo ku musi wa mungu nyene niho umugwi M5-RFP watanganza k’umugaragaro ko udashigikiye uwo mugambi watangajwe n’abasirikare bafashe ubutegetsi. Ku musi wa gatandatu niwo wari umusi wanyuma w’imisi itatu habaye ibiganiro vyo kwumvikana kuri kazoza k’igihugu.

Umukuru w’umugwi w’abasirikare Col. Assimi Goita we avuga ko yari yizeye ko abasirikare bashigikirwa n'amakungu mu migambi yabo inyuma y'aho bagabanije ikiringo c’intwaro yabo bari bateguye ko yomara ikiringo c’imyaka itatu bakaba bakigabanije ku mezi 18.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG