Uko wahagera

Mali: Ibiganiro Hagati y'Abasirikare n'Iyindi Mirwi mu Gihugu


Akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali kuri uyu wa kane katanguje ibiganiro vy’imisi itatu n’imigambwe ya politike, amashirahamwe ategamiye reta hamwe n’amasendika. Ni mu gihe bamwe mu gihugu hamwe no mumakungu bariko barabaremera kugira ubutegetsi busubizwe abasivile.

Abantu hafi 500 bitabiriye ivyo biganiro biriko bibera i Bamako, ku murwa mukuru wa Mali.

Ibi ni ibiganiro vyo ku ncuro ya kabiri hagati y’abasirikare bakuye ku butegetsi Perezida Ibrahim Boubacar Keita hamwe n’abaserukira abasivile, benshi muri bo bakoze imyiyerekano yasaba ko Keita atanga imihoho.

Ibinyamakuru bivuga ko abategetsi bitabiriye ivyo biganiro kuri uyu wa kane basa n’abadahuza ku kiringo reta mfatakibanza yomara, hamwe n’uruhara rw’abasirikare muri yo.

Biciyemwo imirwi yiga ibibazo birimwo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, gutunganya amatora hamwe no gukingira ubumwe bw’abanyagihugu, demokarasi n’amahoro.

Kudeta yabaye muri Mali yagize kane kuva ico gihugu cikukira ku bukoloni bw’Abafaransa mu 1960. Yabaye inyuma y’amezi igihugu kiri mu myiyerekano, yasaba Perezida Keita gutanga imihoho kuko yananiwe kurwanya imihari y’intagondwa hamwe no gutorera umuti ibibazo vy’ubutunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG