Uko wahagera

Mali: CEDEAO Isaba Reta Mfatakibanza y'Abasivile Hatarenze 15 z'ukw'Icenda


Uwahoze ari Perezida wa Nijerira Goodluck Jonathanarongoye intumwa za CEDEAO ku kibuga c'indege i Bamako, kw'itariki 22/0/2020.

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, kuri uyu wa mbere ryasavye akagwi k’abasirikare kafashe ubutegetsi muri Mali mu kwezi guheze, kugena umusivile azorongora reta mfatakibanza hatarenze italiki 15 z’uku kwezi.

Ivyo bihugu 15 vyarafatiye Mali ibihano inyuma ya kudeta yo kw’italiki 18 z’ukwezi kwa munani, birimwo kwugara imbibe no guhagarika gukorana urudandaza, vyongera bisaba itunganwa ry’amatora mu mezi 12.

Abasirikare bafashe ubutegetsi bavuze ko bakeneye kurongora reta mfatakibanza umwaka imbere yo kuyiha abasivile, ariko umukuru wa komisiyo ya CEDEAO, Jean-Claude Kassi Brou yarashimangiye ko hakwiye ko reta irongorwa n’umuperezida w’umusivile hamwe n’umushikiranganji wa mbere mu kiringo c’amezi 12.

Mw’itangazo ryashikirijwe inyuma y’inama ya CEDEAO i Niamey muri Nijeri kuri uyu wa mbere, Brou yavuze ko perezida w’umusivile n’umushikiranganji wa mbere babwirizwa kuzogenwa hatarenze italiki 15 y’ukwezi kw’icenda.

Yongeyeko ko iryo shirahamwe rigumijeho ibihano ryafatiye Mali, mu gihe ibiganiro bikibandanya hagati y’ako kagwi k’abasirikare n’iyindi mihari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG