Uko wahagera

Mali: Umwumvikano Muke mu Biganiro vyo Gusubiza Ubutegetsi Abasivile


Imishikirano y'ukungene abasivile bosubizwa ubutegetsi muri Mali iriko ibera ku murwa mukuru i Bamako yatanguranye umwumvikano muke kuri uno wa gatandatu.

Mu biganiro vy'ibanze vyahuje abasirikare bahiritse Perezida Ibrahim Boubacar Keita, abari mu mashirahamwe yigenga, abanyamigambwe, uruhande rw' abatavuga rumwe n'ubutegetsi rwagirije abasirikare bagifise ubutegetsi ko bariko basa nk'abisangiza ico gikorwa mu kubakumira.

Ata n'isaha irahera ivyo biganiro bitanguye, abari mu runani M5-RFP rwatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza Perezida Keita, bahagaritse ibikorwa vyose, aho baza baracira mw'ijambo uwari abihagarariye bamubwira bati :" Nta muco uri muri ibi biganiro vy'inkinamico."

Uwurongoye urwo runani ivyo vyagiriji yabivuze yishimikiza uburorero bw'aho mu bikorwa vyo gukorera mu mirwi, hari aho urunani rwabo rutari ruserukiwe. Uwo mwumvikano muke watumye ibikorwa vyose bihagarikwa mu kiringo kitari gito imbere y'uko bisubira gutangura M5-RFP ishizwe mu mirwi yose.

Perezida Ibrahim Boubacar Keita yegujwe itariki ya 18 ukwezi guheze. Iyeguzwa ryiwe ryakiriwe neza n'abanyagihugu batari bake bavuga ko baruhijwe n'ibitero vy'imirwi y'iterabwoba, ingwano zifatiye ku moko n'ibiturire bivugwa mu nzego zo hejuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG