Uko wahagera

Mali: Abasirikare Bemeye Gushinga Reta Mfatakibanza


Abategetsi ba gisirikare batembagaje ubutegetsi
Abategetsi ba gisirikare batembagaje ubutegetsi

Akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali kavuze kuri uyu wa kane ko kagiye gushiraho reta mfatakibanza. Ivyo babishikirije mu gihe Abakuru b’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika kuri uyu wa kane bavuze ko bagiye kurungika intumwa ku batembagaje ubutegetsi muri Mali, gufasha kugira igihugu gisubire ku rutonde rw’ibwirizwa shingiro. Basavye kandi ko perezida yakuwe ku butegetsi abusubizwamwo.

Umuvugizi w’abo basirikare, Ismael Wague, yavuze ko bagiye gushiraho akanama karongora igihugu ivy’imfatakibanza, na perezida wako ashobora kuba umusirikare canke umusivile. Yavuze ko bariko baravugana na sosiyete sivile, imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’abo bose bakenewe kugira habeho ubutegetsi bw’imfatakibanza.

Uku gukuraho ubutegetsi kugize kabiri muri Mali mu myaka umunani.

Kudeta yo mu 2012 yakurikiwe n’imigumuko mu buraruko bw’igihugu yavutsemwo intagondwa gushika ubu ziriko zihungabanya umutekano mu bihugu bibanyi vya Nijeri na Burkina Faso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG