Uko wahagera

Amakungu Abandanya Yiyamiriza Ikurwa k'Ubutegetsi rya Perezida wa Mali


Ibrahim Boubacar Keita, yari perezida wa Mali

Amakungu abandanya yiyamiriza ikurwa k'ubutegetsi rya Perezida wa Mali, Ibrahim Boubacar Keita. Uyo akaba yarategetswe gutanga imihoho n'igisirikali.

Mu bamaze kugira ico bavuga kw’iyegura rya perezida Keita, harimwo umuryango w'ibihugu vya Afurika, Ubulaya ndetse na ONU. Impande zitandukanye ahanini zitera ivyatsi ingendo y’abasirikare bafashe bugwati Keita imbere y'uko yegura.

Ku mugabane wa Afurika, Perezida wa Afurika y’Epfo Cyril Ramaphosa asanzwe ari nawe aramutswa umuryango w’Ubumwe bwa Afurika yavuze ko mugenzi we yavanywe ku butegetsi bidaciye mu mategeko, yasavye ko abasirikare bomurekura atakirinze gusabwa.

Ramaphosa yasavye kandi irekurwa ry’abashikiranganji bose bafatanywe na Prezida Keita.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umuryango w’Ubumwe bwa Afurika, umuryango w’ubutunzi uhurikiyemwo ibihugu vyo mu karere ka Afurika y’uburengerazuba, CEDEAO, na vyo vyateye ivyatsi ikurwa rya Keita.

Ibihugu bigize CEDEAO vyavuze ko vyabaye birugara imipaka bihana na Mali binahagarika amasezerano mu vy’ubudandaji n’ico gihugu.

Umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya wasavye ko infungwa zose zirimwo izafashwe mu gihe c’imyiyerekano zirekurwa, ituze rikagaruka. Uwo muryango wavuze ko ibihugu 27 vyose bigize uwo muryango birajwe ishinga n’ibiriko bibera muri Mali.

Kuri uyu wa gatatu, biteganyijwe ko akanama kajejwe umutekano muri ONU gakorana ku kibazo ca Mali.

Twibutse ko Perezida Ibrahim Boubacar Keita yatanze imihoho mu bucagucagu bwo kuri uno wa gatatu, inyuma yo guhagarikwa n’abasirikare bamuhagaritse bavuga ko bashaka gusubiza ibintu ku murongo.

Mw’ijambo yaraye avuze yegura, yashimiye abanyagihugu, agirako atangaza ko reta n’inama nshingamateka ya Mali bifuswe. Abanyagihugu bari bamaze imisi mu myiyerekano yo gusaba iyegura rya Perezida Keita w’imyaka 75, yegujwe amaze imyaka indwi ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG