Uko wahagera

HCR na OIM Basaba ko Impunzi Zikurwa muri Libiya


Umukuru wa HCR Filippo Grandi, uwa OIM António Vitorino hamwe na Mark Lowcock umukuru w’ikigo ca ONU kijejwe imfashanyo.
Umukuru wa HCR Filippo Grandi, uwa OIM António Vitorino hamwe na Mark Lowcock umukuru w’ikigo ca ONU kijejwe imfashanyo.

Impunzi 5,600 n’abimukira bapfungiwe muri Libiya bakwiye barekurwa kandi gukingirwa.

Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’ishami rya ONU ryita ku mpunzi, HCR, Filippo Grandi hamwe n’umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM Antonio Vitorino mw’itangazo basohoreye hamwe ejo ku musi wa kane.

Bavuga ko Libiya idashoboye gukingira abimukira, ko bakwiye kwimurirwa mu bindi bihugu kugira bahabwe ubuhungiro.

Abo bategetsi babiri basigura ko Libiya ari ikibanza impunzi zibabarizwamwo kandi agateka kazo kama kahungabanijwe.

Grandi na Vitorino bavuga ko impunzi zose zifatirwa muri Mediterane zidakwiye gusubizwa muri Libiya.

Ivyo babishikirijwe inyuma y’ibitero vy’indege vyo mu ndwi iheze ku kigo cari gipfungiwemwo impunzi hafi ya Tripoli, aho abarenga 50 bahasiga ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG