Uko wahagera

Ubufaransa Bwoba Bufise Uruhara mu Ntambara muri Libiya?


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, iburyo, ashitse mu nama ku bibera muri Libiya mu nama ya ONU i New York, itariki 20/09/2017.

Ibisasu vya Misile vyatowe mu kwezi kwa gatandatu ahari ikirindiro c’abarwanya reta ya Libiya ni ivy’Ubufaransa, nkuko ico gihugu nyene cavyiyemereye ejo kuwa gatatu.

Abasirikare ba jenerali Khalifa Haftar batanguje ibitero vyo gukura reta mu kwezi kwa kane, urugamba rumaze guhitana ubuzima bw’abanyagihugu barenga 1000, nkuko bishikirizwa na ONU.

Abasirikare ba reta yemewe n’amakungu nibo batoye izo missile z'Ubufaransa ku birometero 64 mu bumanuko bw’umurwa mukuru Tripoli, zifise agaciro k’170.000 vy’amadolari.

Ubufaransa burahakana ko bufashisha ibirwanisho Jenerali Haftar, mu gihe uwo mu Jenerali yafatiwe ibihano vyo kugura ibirwanisho na ONU hamwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yamye yirinda kwerekana aho ahagaze kuri iyi ntambara, ariko iri torwa rya Missile zakorewe mu gihugu ciwe vyatumye haba kwibaza ko Ubufaransa bwoba bufise uruhara mu ntambara yo muri Libiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG