Komite y’Umuryango w’ubumwe bw’Afrika ikurikirana ibibera muri Libiya ishikiriza ko ifise impungenge kuco yise “ukwivanga kuva hanze” muri ico gihugu kiri mu ruhagarara, kandi igasaba ko hashingwa umurwi udasanzwe ugizwe n’intumwa za ONU n’izo ubumwe bw’Afrika.
Ivyo biri mu rwandiko rwasohowe n’uwo muryango, inyuma y’inama yawo yabereye muri Nijeri mu mpera z’indwi iheze, rwabonywe kuri uyu wa gatatu n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.
Uwo muryango ushikiriza ko ubabaje n’abivanga muri Libiya bavuye hanze, ata kindi barondera atari ugukurikirana inyungu zabo bwite, mu gihe abanyelibiya bariko bishura ivyo batazi.
Facebook Forum