Uko wahagera

ONU, Amnesty Barasaba Amatohoza ku Bishe Abimukira i Tripoli


Ahiciwe abimukira mu kabi bari bapfungiwemwo i Tajoura mu micungararo ya Tripoli, Libiya, itariki 03/07/2019.
Ahiciwe abimukira mu kabi bari bapfungiwemwo i Tajoura mu micungararo ya Tripoli, Libiya, itariki 03/07/2019.

Bombe zatewe mw’ikambi yari yapfungiwemwo abimukira ku murwa mukuru wa Libiya zikica abashika 44, aho abandi bavuga 55 hamwe n’abarenga 130 bakomeretse ku musi wa kabiri mw’ijoro, bishobora ivyaha vyo mu ntambara, nkuko bishikirizwa n’intumwa ya ONU i Tripoli.

Abarokotse bavuze ko ico gitero cabaye hafi y’isaha zitanu n’igice z’ijoro ku musi wa kabiri kandi ko mu ndwi ziheze baguma bumva indege za drone zisuma hejuru y’ico kigo bari bafungiwemwo.

Abategetsi ba reta ya Tripoli begeka ico gitero ku nteko zishigikiye Khalifa Haftar, arongoye igisirikare kirwanira mu buseruko bwa Libiya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryika ku burenganzira bwa kiremwa muntu, Amnesty International, ryashikirije ko ico kigo cari gifungiwemwo impunzi n’abimukira bashika 600 kandi ko impande zibiri zirwana muri Libiya zari zizi ico kibanza. Basaba ko hatanguzwa amatohoza ataho yegamiye nk’ivyaha vyo mu ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG